Inyuma y’imyaka 27, Misiri yaronse uburenganzira bwo gukina igikombe c’isi

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 9 Gitugutu 2017 saa 11:05
Yasomwe : 3969
0 0

Igihugu ca Misiri caronse uburenganzira bwo gukina igikombe c’isi inyuma y’imyaka 27, gihejeje gutsinda umurwi nserukiragihugu w’igihugu ca Congo Brazaville ibitsindo bibiri kuri kimwe, mu rukino rwabaye kuri uno w’Imana igenekerezo rya 8 Gitugutu 2017.

Igihugu ca Misiri caronse uburenganzira bwo gukina ihiganwa ry’igikombe c’isi mu mwaka wa 2018, inyuma y’igitsindo cinjijwe ku munota wa nyuma n’umukinyi Mohamed Salah akinira umurwi Liverpool mu gihugu c’Ubwongereza.

Igitsindo ca mbere c’igihugu ca Misiri cinjijwe na Mohamed Salah nyene ku munota wa 18 w’igice ca kabiri c’urukino, gica kigomborwa na Arnold Bouka Matou ku munota wa 88.

N’aho abarorezi bakaba n’abakunzi b’umurwi wa Misiri bari bamaze kwihebura ko umurwi wabo uhejeje kubura amahirwe yo kwitaba ihiganwa ry’igikombe c’isi,ku munota wa 95 niho Mohamed Salah yabagarukanira umunezero.

Gushika ubu, igihugu ca Misiri kiri mu kibanza ca mbere mu murwi E n’amanota 12, Ubuganda buri mu kibanza ca kabiri n’amanota 8, Ghana mu kibanza ca gatatu n’amanota 6, Congo Brazzaville mu kibanza ca nyuma n’inota rimwe.

Igihugu ca Ghana yanganije n’ubuganda ubusa ku bundi mu rukino rwabaye kuwa gatandatu igenekerezo rya 7 Gitugutu 2017, yasavye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA ko urwo rukino rusubirwamwo kuko umuhagarikizi atigenjeje neza,inyuma yo kwanka igitsindo c’umukinyi Raphael Dwamena co mu minota ya nyuma aho umuhagarikizi yavuze ko yari yaraririye.

Ibihugu 15 nivyo bimaze kuronka uburenganzira bwo kwitaba igikombe c’isi kizobera mu gihugu c’Uburusiya .

Ivyo bihugu ni Uburusiya buzokwakira iryo higanwa, Brésil, Iran, Ubuyapani, Mexique, Ububirigi, Koreya y’Epfo, Arabie saoudite, Ubudagi, Ubwongereza, Espagne, Nigeria, Costa Rica, Pologne na Misiri.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha