Isango ryageze : Bujumbura Peace Run 2017 ni aho bukera

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 26 Rusama 2017 saa 08:47
Yasomwe : 4770
0 0

#Bujumbura Peace Run 2017#, ihuriro ry’urwaruka rwo muri Afrika y’ubuseruko rizoba aho bukera kuri uwu wa gatandatu mu gisagara ca Bujumbura. Amashirahamwe atandukanye abandanya gushigikira mu myiteguro y’iryo huriro, ndetse n’abazoryitaba bakaba babandanya kubimenyesha.

Kisembo Ronex, umwe mu bariko bategura "Bujumbura Peace Run" izoba kuri uwu wa 27 Rusama 2017, avuga ko intumbero ari uguhuza urwaruka mu gikorwa c’ukwinonora imitsi.

Abantu hamwe n’imirwi y’abantu itandukanye ibandanya kumenyesha ko izokwitaba iryo huriro. Aho twobabwira nka Miss Burundi, Miss Tanzania hamwe na Miss Kenya bamaze kwemera ko bazoba bari muri iryo huriro, ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura nabwo bugasaba n’abandi bose ko boshigikira kandi bakitaba iryo huriro rizobera ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko RWAGASORE.

Ukwiyandikisha kurabandanya mu bibanza bikoreramwo Econet Leo i Bujumbura mu Bwiza, Kanyosha, Kamenge. Hagati mu gihugu mu ntara ya Rumonge, Kayanza, Ngozi, Muyinga, hamwe na Gitega. Uwiyandikishije aca ahabwa agapira azoba yambaye muri iryo higanwa.

Iryo higanwa rizohuza abanonotsi batandukanye bo mu karere n’abarundi bose bavyipfuza. Rizotangura isaha imwe n’igice (7h30), hakaba hategekanijwe kwiruka ku birometero bibiri, bitanu hame na cumi.

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko biteguriye gucungera umutekano w’ibikorwa vy’iryo huriro, kugira rizobe mu mahoro n’umutekano ntangere.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha