IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Tennis de table : Abakinyi bazoja mu murwi nserukiragihugu bamenyekanye

Tennis de table : Abakinyi bazoja mu murwi nserukiragihugu bamenyekanye

mardi 26 décembre 2017

Ku ruhande rw ‘abagabo, Niyorugira Yvan na Trésor Nzeyimana bakinira umurwi wa Amigo, Kabura Alain Claude na Ndayishimiye Delphin bakinira umugwi wa Turbo nibo bazokinira umurwi nserukiragihugu w’abakuze.

Ku ruhande rw’abigeme, Ingabire Ange Belyse akinira umugwi wa Amigo, Munezero Marie Claire, Ndayishimiye Pamela, na Niyibizi Floride bose bakinira umugwi wa Turbo, nibo baronse amahigwe yo kuzokinira umugwi nserukiragihugu.

Ku ruhande rw’abakiri bato (Junior), mu bagabo, Nizigama Simplice akinira umugwi wa Champion, Nitunga Armand wa Muzinga, Ndabashinze Rodrigue, Barekebivugire Ralph bakina muri Turbo nibo bazoserukira igihugu, nayo ku ruhande rw’abigeme, Irakoze Daniella akinira intara ya Ruyigi, Kubwimana Martine w’I Muramvya, Nduwimana Pienette akinira Champion hamwe na Hezagirwa Aimée Eunice w’i Mwaro nibo bazoseruka ku ruhande rw’abigeme.

Umugwi wa Turbo ukaboneka ko ariwo ufisemwo abakinyi benshi aho ufisemwo abakinyi 7.

Icivugo c’iryo higanwa cari « Dukorere hamwe mu guteza imbere urukino rwa tennis de table mu Burundi mu guharanira amahoro, umutekano na demokarasi. »


Pacifique BUKURU

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.