IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > JO 2024: Igisagara ca Paris cemerewe kwakira ihiganwa mpuzamakungu ryo (...)

JO 2024: Igisagara ca Paris cemerewe kwakira ihiganwa mpuzamakungu ryo kunonora imitsi

mercredi 13 Nyakanga 2017

Igisagara ca Paris cemererwa ku mugaragaro mu nama igira iy’131 ya CIO yo kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 13 Nyakanga 2017,mu gihe cari kimaze imyaka 100 kirindiriye ko cemererwa kwakira inkino mpuzamakungu zo kunonora imitsi.

Thomas Bach arongoye Ishirahamwe Mpuzamakungu rijejwe ivy’inkino nawe nyene yavuze ko ari amateka ku gisagara ca Paris kuba cemerewe kwakira inkino mpuzamakungu zo kunonora imitsi.

Tony Estanguet icegera c’uwuhagarariye ugusaba kw’Ubufaransa yavuze ko igisagara ca Paris hari hageze ko cakira ayo mahiganwa, akaba yizeye kandi kuba mu birori vyo kwugurura ayo mahiganwa bizobera mu gisagara ca Paris kw’igenekerezo rya 2 Myandagara 2024.

Itororokanirizo ry’amakuru AFP rimenyesha ko muri iyo nama igira 131 y’ishirahamwe mpuzamakunu riraba ivy’inkino CIO bitegekanijwe ko igisagara ca Los Angeles naco kimeneyekana k’umugaragaro ko kizokwakira inkino mpuzamakungu zo kunonora imitsi zo mu mwaka wa 2028.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.