IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > League des champions : Uko imigwi izohura mu gice c’umunani gishira icanyuma (...)

League des champions : Uko imigwi izohura mu gice c’umunani gishira icanyuma vyamenyekanye

lundi 11 décembre 2017

Uko imigwi izohura n’uku gukurikira : umugwi wa Juventus wo mu gihugu c’Ubutariyano uzohura na Tonnenham wo mu gihugu c’Ubwongereza , Fc Basel uzohura na Manchester City,umugwi wa Porto uzohura na Liverpool.

Umugwi wa Sevilla uzohura na Manchester United ,umugwi wa Real Madrid uzohura na Paris Saint Germain nayo umugwi wa Shakhtar Donetsk uzohura n’umugwi wa Lazio Roma, umugwi wa Bayern Munich ukazohura n’umugwi Beskitas.

Bitegekanijwe ko inkino za mbere zitangura zizoba ku magenekerezo ya 13 na 14 hamwe na 20 na 21 mu kwezi kwa kabiri 2018, nayo inkino zo gusubiriza zikazoba ku maganekerezo ya 6,7,13 na 14 mu kwezi kwa gatatu 2018.

Urukino rwa nyuma rukaba rutegekanywa kuba kw’igenekerezo rya 26 ukwezi kwa gatanu 2018 mu gisagara ca Kiev mu gihugu ca mu gihugu ca Ukraine.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.