Accueil > Inkino > Amahiganwa > Ligue des Champions : FC Barcelone na Manchester City yakuwe (...)
Ligue des Champions : FC Barcelone na Manchester City yakuwe mw’ihiganwa
mercredi 11 avril 2018
Mu nkino za mbere zabaye kw’igenekerezo rya 4 Ndamukiza 2018, umurwi FC Barcelone wari watsinze umurwi AS Roma ibitsindo 4 kuri kimwe, mu gihe umurwi Liverpool wari watsinze Manchester City ibitsindo bitatu ku busa.
Mu rukino rwahuje umurwi FC Barcelone na AS Roma, naho umurwi FC Barcelone wahabwa amahirwe yo kubandanya ihiganwa abakinyi Dzeko yinjije ku munora wa 6, De Rossi ku munota wa 58 na Manolas ku munota wa 82, ntiborohereje umurwi FC Barcelone.

Imbere y’urukino, umurwi AS Roma wahabwa ibice 11 kw’ijana gusa vyo gushika mu gice ca kabiri gishira ica nyuma c’ihiganwa, inyuma yo gutsindwa ibitsindo bine ku gitsindo kimwe mu nkino zo gutangura.
Mu rundi rukino, ku munota wa 2 gusa w’urukino, umukinyi Jesus wa Manchester City yinjije igitsindo ca mbere, ariko ku munota wa 56 umukinyi Mohamed Sarah yinjiza igitsindo co kugombora ca Liverpool.
Ku munota wa 77, umukinyi Firmino wa Liverpool niwe yaje gutanga icizere cose ku murwi Liverpool co kwinjira mu gice ca kabiri gishira ica nyuma.
Liverpool wo mu Bwongereza na AS Roma wo mu Butariyano, ikaba ibaye imirwi ibiri ya mbere, ironse uburenganzira bwo gukina igice ca kabiri gishira ica nyuma c’ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere mu bihugu vyayo, ku mugabane wa Buraya.
Kur’uno wa gatatu, hategekanijwe inkino zihuza Real Madrid wo muri Espagne na Juventus de Turin wo mu Butariyano, Bayern Munich wo mu Budagi ukina na Seville wo muri Espagne.
MUGISHA Van Naris