IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Ligue des Champions : Ihiganwa ritanguye n’urukino rumwe rurindiranwe (...)

Ligue des Champions : Ihiganwa ritanguye n’urukino rumwe rurindiranwe igishika

mardi 12 Nyakanga 2017

Kuva mu murwi A (Groupe A) gushika mu murwi D (Groupe D) inkino zitegekanijwe isaha zibiri n’iminota 45 kuri uno wa kabiri, mu gihe kuva mu murwi E (Groupe E) gushika mu murwi H (Groupe H) inkin za mbere zitegekanijwe kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 13 Nyakanga 2017,isaha zibiri n’iminota 45.

Mu murwi A inkino zitegekanijwe uku :Manchester United-FC Bâle mu gihe urundi rukino ruza kuba ari uruhuza Benfica-CSKA Moscou, mu murwi B bimeze uku:Celtic Glasgow-Paris Saint-Germain mu gihe Bayern Munich-Anderlecht, mu murwi C biza kuba bimeze uku:AS Rome-Atlético ,mu gihe MadridChelsea-Qarabag FK, mu murwi D ari nawo wa nyuma ufise inkino kuri uno munsi inkino zikinwa uku:Olympiakos-Sporting Portugal,FC Barcelone-Juventus Turin.

Urukino ruza guhuza umurwi FC Barcelone na Juventus de Turin rurindiriwe n’abantu benshi, kuko vyitezwe ko umurwi FC Barcelone uza gukina ukoresheje ubuhinga bwinshi ufise n’ishavu, inyuma yo gutsindwa n’uwo murwi mw’ihiganwa riheze, mu nkino zibiri zose zo mu gice ca kabiri gishira ica nyuma.

Izindi nkino muri iyi mirwi ine ya mbere, zitegekanijwe kw’igenekerezo rya 27 Nyakanga 2017.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.