IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Ligue des Champions : Imirwi izokina igice c’umunani gishira ica nyuma (...)

Ligue des Champions : Imirwi izokina igice c’umunani gishira ica nyuma yamenyekanye

jeudi 7 décembre 2017

Imirwi izokina igice c’umunani gishira ica nyuma iri mu mirwi ibiri bivanye n’ibibanza yafahse mu nkino zo mu mirwi. Umurwi wa mbere ugizwe n’imirwi yabaye iya mbere, uwundi murwi ukagirwa n’imirwi yabaye iya kabiri.

Imirwi yabaye iya mbere mu mirwi ni : Tottenham, FC Barcelone, Manchester City, Besiktas, Paris SG, Manchester United, AS Rome, Liverpool ; mu gihe imirwi yabaye iya kabiri ari : Real Madrid, Bayern Munich, Chelsea, Bâle, Juventus, Séville, Shakhtar Donetsk, FC Porto.

Iyindi mirwi yavuye muri Ligue des Champions ija mw’ihiganwa rya Europa Ligue iyo nayo akaba ari : CSKA Moscou, Celtic Glasgow, Atletico Madrid, Sporting Lisbonne, Spartak Moscou, Naples, RB Leipzig, Dortmund.

Iyindi mirwi nka Benfica, Feyenoord, Maribor, Monaco, Olympiakos, Qarabag, Anderlecht, APOEL Nicosie yavuye mu mahiganwa yo ku mugabane wa Buraya yo mu mwaka wa 2017.

Bitegekanijwe ko igikorwa co gutora uko imirwi izohura mu gice c’umunani gishira ica nyuma kizoba kuwa mbere igenekerezo rya 11 Kigarama 2017, ku cicaro c’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ku mugabane wa Buraya UEFA, i Nyon mu Buswise.

Amategeko yo gutora avuga ko ata mirwi ibiri iva mu gihugu kimwe canke iyahuriye mu murwi umwe mu nkino zo gukurakuaranamwo mu mirwi ihura.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.