Ligue des Champions : Imirwi umunani ya mbere izokina 1/8 yamenyekanye

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 23 novembre 2017 saa 09:40
12045
0 0

Inyuma y’inkino zo kuwa kabiri igenekerezo rya 21 no kuwa gatatu igenekerezo rya 22 Munyonyo 2017, imirwi 8 niyo imaze kumenyekana ko izokina igice c’umunani gishira ica nyuma mw’ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mber mu bihugu vyayo, ku mugabane wa Buraya.

Iyo mirwi igizwe ahanini n’imirwi yo mu gihugu c’Ubwongereza ni : FC Barcelone,Bayern Munich, Besiktas, Chelsea, Manchester City, Paris Saint Germain, Real Madrid na Tottenham.

Naho iyo yamaze kumenya ko izokina igice c’umunani gishira ica nyuma, iyindi yoyo iracarondera ubwo burenganzira. Nk’umurwi wa Naple na AS Roma yo mu gihugu c’Ubutariyano na Athletico Madrid yo muri Espagne iracarondera ubwo burenganzira.

Ku rundi ruhande inyuma yo gutsindwa kur’uyu wa gatatu igitsindo kimwe n’umurwi wa Bale,umurwi Manchester United wo mu Bwongereza nawe uracakeneye gukina urukino rumwe kugira ushobore gukina igice c’umunani gishira ica nyuma.

Imirwi Juventus, Sporting Portugal na Shakhtar iracakeneye gukina no kuronka intsinzi canke ikanganya, kugira ifate ibibanza vya kabiri, aho naho ikaba izoca ironka uburenganzira bwo gukina igice c’umunani gishira ica nyuma.

Mwomenya ko inkino za nyuma zo mu mirwi zitegekanijwe ku magenekerezo ya 5 na 6 Kigarama 2017.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha