IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Ligue des Champions : Liverpool yatsinze urukino rwa mbere rw’igice ca (...)

Ligue des Champions : Liverpool yatsinze urukino rwa mbere rw’igice ca kabiri gishira ica nyuma

mercredi 25 avril 2018

Kuva ku munota wa mbere w’urukino, umurwi Liverpool wagumye usatira umurwi wa AS Roma, gushika aho umukinyi Sadio Mane abura ibitsindo bibiri yari kwinjiza neza, hagati y’umunota wa 28 na 29 w’igice ca mbere c’urukino.

Ku munota wa 36 w’urukino, umukinyi w’umunyamisiri yari yitezwe cane muri urwo rukino, yari yinjije igitsindo ca mbere, igitsindo ca kabiri acinjiza imbere gato y’uko igice ca mbere c’urukino gihera.

Mu gice ca kabiri c’urukino, ku mupira mwiza ahawe na Mohamed Salah, umukinyi ava mu gihugu ca Senegal Sadio Mane yinjije igitsindo ca gatatu, ku munota wa 56 , inyuma y’iminota itanu gusa, Roberto Firmino yinjiza igitsindo ca kane, ku munota wa 69 Firmino yinjiza igitsindo ciwe ca kabiri cakwije bitanu vya Liverpool.

Ku munota wa 81, Dzeko yahojeje amarira abakunzi ba AS Roma yinjiza igitsindo ca mbere, mu gihe ku munota wa 85 Perotti yinjije igitsindo ca kabiri.

Abantu benshi barindiriye ko umurwi AS Roma ushobora gukora nk’ivyo wakoze imbere ya FC Barcelone igihe wawukuramwo mu gice ca kane gishira ica nyuma, ugombora ibitsindo bitatu wari winjirijwe ku kibuga ca FC Barcelone.

Bitegekanijwe ko kur’uno wa gatatu igenekerezo rya 25 Ndamukiza 2018, haba urundi rukino rukomeye rw’igice ca kabiri gishira ica nyuma, ruhuza umurwi Bayern Munich wo mu Budagi ba Real Madrid wo muri Espagne.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.