IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Ligue des Champions: Man City yatsinze AS Monaco bitayoroheye

Ligue des Champions: Man City yatsinze AS Monaco bitayoroheye

mercredi 22 Ruhuhuma 2017

Kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 21 Ruhuhuma ,umwaka wa 2017 niho haba inkino z’umurwi wa kabiri mu gice c’umunani gishira ica nyuma mw’ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere mu bihugu vyayo ku mugabane wa Buraya. Umurwi wa Manchester City wo mu gihugu c’Ubwongereza watsinze umurwi wa AS Monaco wo mu Bufaransa ibitsindo 5 kuri 3.

Mu gice ca mbere c’urukino,umurwi wa AS Monaco niwo werekanye ko ukomeye ,ariko ku munota wa 26 umukinyi Raheem Sterling yatsinze igitsindo ca mbere ca Manchester City, naho ku munota wa 32 Radamel Falcao wa AS Monaco yahavuye agombora ico gitsindo.

Imbere y’uko igice ca mbere kirangira, umurwi wa AS Monaco wagumye usatira umurwi wa Manchester City uciye hagati mu kibuga, ku munota wa 40,umukinyi Kylian Mbappé yinjiza igitsindo ca kabiri,igice ca mbere gihera ari ibitsindo bibiri vya AS Monaco kuri kimwe ca Manchester City.

Mu gica ca kabiri c’urukino, umurwi wa AS Monaco ubicishije ku mukinyi Radamel Falcaon wararonse igitsindo ca gatatu ku munota wa 50 w’urukino, ari naco vabaye ica nyuma c’umurwi AS Monaco.

Umurwi wa Manchester City wahavuye ugombora ivyo bitsindo vyose mbere wongerako bibiri, urukino ruca rurangira ku ntsinzi ya Manchester City y’ibitsindo 5 kuri 3 ku kibuga cayo.

Mu rundi rukino, umurwi wa Athletico Madrid wo mu gihugu ca Espagne watsinze umurwi wa Bayer Leverkusen ibitsindo 4 kuri 2.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.