Ngozi : Ibitsindo 4 vyinjijwe ku munsi wa mbere w’inkino zatunganijwe na Messager Ngozi

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 5 janvier 2018 saa 01:10
Yasomwe :
0 0

Inkino za kivandimwe zatunganijwe n’umurwi w’umupira w’amaguru Messager Ngozi zaratanguye, kur’uyu wa kane igenekerezo rya 4 Nzero 2014. Mu nkino zibiri za mbere, imirwi ya Vitalo FC na Messager Ngozi niyo yatahukanye intsinzi.

Mu rukino rwa mbere rwabaye isaha icenda, ari narwo rwuguruye izo nkino,umurwi Vitalo FC watsinze umurwi Olympic Star w’i Muyinga igitsindo kimwe ku busa, kikaba ari igitsindo ca mbere kibonetse hagati y’iyo mirwi ibiri, mu nkino zine zikurikirana zihuje iyo mirwi.

Mu rundi rukino rwabaye igihe c’isaha icumi n’imwe, umurwi Messager Ngozi watsinze umurwi Musongati FC w’i Gitega, ibitsindo bitatu kuri kimwe.

Bitegekanijwe ko kur’uyu wa gatanu, inkino ziza kubandanya, isaha icenda umurwi Ngozi City ukina na Flambeau du Centre wo mu ntara ya Gitega, mu gihe isaha icumi n’imwe ,umurwi Aigle Noir uza gukina na Messager Bujumbura.


Kumenyekanisha

1
AARONI 5-01-2018 à 18:24

NITERIBERÈ

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha