Patiri Palémon Nkeshimana yitavye Imana, inyuma y’isanganya ry’imodoka ryabaye ku mugoroba wo kuwa gatandatu igenekerezo rya 6 Nzero 2018.
Patiri Palémon Nkeshimana yari azwi cane kuba ariwe yanditse indirimbo zikoreshwa muri Ekleziya katorika nka :’’Nje nishongora Mana yanje, nje kugukengurukira rwose ku vyiza wangiriye’’, n’indirimbo :’’ Nzokwama ninovora, nzokwama nikugura iyo mfungurwa yawe Yezu.’’ n’izindi.
Abegereye umuhisi Patiri Palémon Nkeshimana baremeza ko yari umupatiri wa Ekleziya katorika mu Burundi,agendera ibanga akaba kandi n’umwe mu ncabwenge.
Umuhuza w’abarundi Edourd NDUWIMANA nawe yari mu birori vyo gushingurana iteka Patiri Palémon Nkeshimana, yanditse ku rubuga rwiwe rwa Twitter avuga ati :’’Umuhuza w’abarundi Edourd NDUWIMANA nawe yari mu birori vyo gushingurana iteka Patiri Palémon Nkeshimana, yanditse ku rubuga rwiwe rwa Twitter avuga ati : Diyoseze ya Ngozi ihejeje kubura umupatiri abushitse,patiri Palémon. Yarizeye ukuzuka, Aaruhule amahoro. Ndishimira kuba namuherekeje gushika aho yashinguwe.’’
IZINDI NKURU ZIJANYE N'IYI |
![]() Ishengero Methodiste Libre ryatanze intererano y’amatora ya 2020
21.06.2018 |
![]() Eid-al Fitr : Umukuru w’igihugu yipfurije umunsi mukuru mwiza aba islam bo mu Burundi
15.06.2018 |
![]() Gitega : Patiri Caritos NIYOYITUNGIYE yatowe ikiziga aho akorera
21.05.2018 |
![]() Aba isiramu batanguye ukwezi kweranda kwa Ramadhan
17.05.2018 |
![]() Musenyeri Gervais BANSHIMIYUBUSA yinjiye ku mugaragaro mu bwungere bwa Diyoseze ya Bujumbura
5.05.2018 |
SOMA IZINDI NKURU MURI "AMASHENGERO"... |
Imana Niyakire Iyo Ntumwa Yayo Mubwami Bwayo Kandi Iyoparoice Imana Iyironse Iyindintumwa Ibikwiye Amen