IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > AMASHENGERO > Nyanza-Lac:Uburongozi bwa EPBU busabwa kumenyesha ingendo mu (...)

Nyanza-Lac:Uburongozi bwa EPBU busabwa kumenyesha ingendo mu bushikiranganji bw’intwaro hagati mu gihugu

vendredi 5 janvier 2018

Mw’ikete umushikirangani w’intwaro yo hagati mu gihugu yandikiye ishirahamwe ry’amasengero ya Pentekoti mu Burundi EPBU, amenyesha ko umurwi washinzwe ngo urongore ishengero rya Nyanza-Lac ufise uburenganzira bwo gufata ingingo.

Muri iryo kete, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Pascal BARANDAGIYE , avuga ko iyo ngingo itegerezwa kuba yagiye mu ngiro kw’igenekerezo rya 15 Nzero 2018.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati asaba ishirahamwe EPBU, ko ingendo zose zo mw’ishengero zomenyeshwa, kugira ubishikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu buzikurikirane.

Ubuyobozi bw’ishengero pantekote i Nyanza-Lac bukaba bwahawe Pasitori Jonathan KADEBUYE.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • None na pentecote nayo ariyo twari tugihanze amaso ko igifise ubumwe nabo baracanyemwo .
    Ico mbona umuntu ni gukizwa kuruhande rwe ataravye ishenge je ishengero mbonye nyakuri ni wewe ni je we
    Nitutakora ivyiza twamenye twumvise ntituze twitwaze amadini

  • Imana niyo yonyene izibikwiye kandi tukabadushimiye Leta ukuntu yafashe ikikibazo ishengero rya pentekoste inyanzalac turabashimiye cane kuva hejuru gushika hasi mwarakoze cane

  • MANA WE ! TABARA ISHENGERO RYAWE KUKO BIRAKOMEYE.

  • Pasiteri Jonas Niyungeko yoba yavuye mumabanga yo kurongora Iryo Shengere mumahoro canke kubugombe bwiwe hama aca agenda nibikoresho vyishengero gushika yaho bimenywa nurwego nkurwo mugihugu,Mukavyinjiramwa ?Ndumva yosubiza ivyo bikoresho Ishengero mugihe yoba atakibazo kitameze neza afitaniye n’ishengero kihari naho aburanishwe atsinzwe avyakwe adatsinzwe atunganirizwe murakoze.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.