Makamba : Ubushikiranganji bw’intwaro bwasabiye umupasitori guhindurirwa aho yakorera

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 11 novembre 2017 saa 01:47
Yasomwe : 23661
0 0

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwategetse uburongozi bw’ishengero rya Pentekoti mu Burundi , guhindurira aho bakorera bamwe mu bapasitori bagirizwa kuba mu bahungabanya ishengero rya Pentekoti ry’i Nyanza-Lac.

Mw’ikete ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu ryandikiye ihengero rya Pentekoti i Nyanza-Lac, bumenyesha ko inyuma y’ingendo zakozwe n’umurwi wo mu bushikiranganji ujejwe kugenzura uko amashengero akora, bakisunga kandi amatohoza bakoze, basanze hakiri ukutumvikana mw’ishengero.

Muri iryo kete,ubushikiranganji bumenyesha ko kugira hagaruke umwumvikano muri iryo shengero,uwa mbere ategerezwa guhindurirwa aho akorera ari Pasitori Jonas NIYUNGEKO yahora mw’ishengero rya pentekoti i Nyanza-Lac.

Iryo kete risaba kandi uburongozi bw’ishengero pentekoti i Nyanza-Lac guhagarika mu mabanga Pasitori KAMEYA Enock,BUKURU Bruno, hamwe n’abavugabutumwa MACUMI Esperance na Jean Bosco NSENGIYUMVA,bose bagirizwa kugira uruhara mu kibazo c’ubugeni cadutse mw’ishengero hamwe no kudakurikirana neza ivy’ishengero.

Ubushikiranganji busaba ishengero rya pentekoti mu Burundi gufasha inshengero rya Pentekoti i Nyanza-Lac gushiraho umurwi nfatakibanza woba urarongora ishengero canke basabe ko batatu bakuze boba baratunganya ibikorwa vy’ishengero.

Muri iryo kete kandi ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu busaba ubuyobozi bw’ishengero rya pentekoti ku rwego rw’igihugu gufasha mw’ishirwa mu ngiro ry’ingingo zose zaba izo guhindurira aho bakorera canke guhagarika abapasitori bahora i Nyanza-Lac.


Kumenyekanisha

1
muco 13-11-2017 à 09:29

Je nanje ndabona aho atari Nyanza-Lac

2
claver ninganza 11-11-2017 à 22:45

Iyo foto mwakoresheje si iyurusengero rw’i nyanza lac ! uwubibony rero ashobora kuvyitiranya, cnk akabifata nk’ugucafuza abandi !!!! Mubisuzume neza !

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha