Pedal4Peace : Ku munsi wa kane, umuganda Charles KAGIMU yasubiye kuba uwa mbere

Yanditswe na Huguette NKURUNZIZA
Kuya 15 décembre 2017 saa 01:15
Yasomwe :
0 0

Ihiganwa ryo gusiganwa ku makinga Pedal4Peace ryarabandanije ku munsi waryo wa kane kur’uyu wa kane igenekerezo rya 14 Kigarama 2017. Ku ncuro ya kabiri, umunonotsi ava mu gihugu c’Ubuganda Charles KAGIMU, niwe yabaye uwa mbere.

Igice ca kane c’ihiganwa ryo gusiganwa n’amakingi Pedal4Peace catanguriye muri komine Bukirasazi, intara ya Gitega, kigana intara ya Cankuzo, ku burebure bw’ibirometero 101, kikaba cuguruwe na buramatari w’intara ya Gitega.

Kur’uwo munsi wa kane, ikinga ry’umwe mu banonotsi ryaragize ikibazo, ariko umwigeme ava mu gihugu ca Kenya, ariko atakiri mw’ihiganwa kuko atashoboye guheza ihiganwa ryo ku munsi wa gatatu aca aba aramutiza iryiwe.

Ku munsi wa kane nyene, ikibanza ca kabiri catahukanywe n’umunyakenya Simon KETITO yagenze ico kirere mu mwanya w’isaha zibiri, iminota 50, n’amasegonda 51.

Mu bibanza ihiganwa Pedal4Peace ryabereyemwo, abanyagihugu bari baje ari benshi kuraba iryo higanwa ry’imbonekarimwe, bakaba bashimira ishirahamwe ryo gutumatumanako EconetLeo kuba ryarashigikiye ku buryo budasanzwe ico gikorwa kuko abahora bavyumva kuma radiyo canke babiraba ku mboneshakure bashoboye kubiraba mu maso mu yandi.

Kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 15 Kigarama 2017,ihiganwa rigeze ku munsi waryo wa gatanu ari nawo wa nyuma. Ibirori vyo gusozera iryo higanwa bikaba vyuguruwe n’icegera c’umukuru w’igihugu Gston Sindimwo, mu ntara ya Gitega.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha