IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Pedal4Peace:Umuganda Charles KAGIMU yatsinze ihiganwa

Pedal4Peace:Umuganda Charles KAGIMU yatsinze ihiganwa

samedi 16 décembre 2017

Mw’ijambo ryiwe,umuyobozi mukuru w’ishirahamwe ryo gutumatumanako Econet Leo Nepias Njaravaza , yavuze ko iryo higanwa ryatunganijwe mu ntumbero yo kwerekana ko amahoro numutekano birangwa mu Burundi.

Nepias Njaravaza ati : “ Hariho ibintu bihindura umuntu, bikamuhindura neza. Iri higanwa ni kimwe mu bintu bishobora guhindura ubuzima bw’abantu.”

Arongera akavuga ko iryo higanwa ryatunganijwe mu ntumbero yo kwerekana ko Uburundi ari igihugu ciza c’ingezi, kandi ko abanyamahanga bashobora kuzanamwo imitahe bakahakorera imigambi.

Ivyo birori vyo gusozera iryo higanwa bikaba vyuguruwe n’icegera c’umukuru w’Igihugu Gaston Sindimwo mu ntara ya Gitega, akaba yambitse umudari umuyobozi mukuru wa Econet Leo hamwe na bamwe mu bahiganywe ndetse bararonswa nutundi tuganuke nk’amakinga.

Mwomenya ko umwigeme Adelphine NIFASHA ariwe yabaye umwigeme wa mbere ashoboye guheza iryo higanwa ryari rimaze iminsi itanu.


Huguette NKURUNZIZA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.