Accueil > Inkino > Amahiganwa > Pedal4Peace : Umuganda yatsinze ihiganwa ku munsi wa gatatu
Pedal4Peace : Umuganda yatsinze ihiganwa ku munsi wa gatatu
mercredi 13 décembre 2017
Ihiganwa ku munsi wa gatatu,ryo kuva I Nyanza-Lac mu ntara ya Makamba gushika I Bukirasazi mu ntara ya Gitega ryari ku birometero 125 , ryatsinzwe n’umuganda Charles KAGIMU, mu gihe mu kibanza ca kabiri haje umunonotsi ava mu gihugu ca Kenya azwi kw’izina rya Paul.
Umunsi wa gatatu w’ihiganwa ryo gusiganwa n’amakinga bazunguruka Uburundi ryuguruwe na Buramatari w’intara ya Makamba Gad NIYUKURI.

Ku musi wa kane w’ihiganwa , abazohiganwa bazofata ibarabara rya Bukirasazi mu ntara ya Gitega gushika mu Cankuzo,akaba ari ikirere c’ibirometero 101.

Mwomenya ko abarundi 2 Pascal Niyonkuru batazira Mwarabu hamwe n’umwigeme bari batsinze ihiganwa ryo kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 12 Kigarama 2017,batashoboye gutsinda.

Huguette NKURUNZIZA