Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Primus Ligue A : Mu nkino za mbere z’umunsi wa 22 hinjijwe ibitsindo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Primus Ligue A : Mu nkino za mbere z’umunsi wa 22 hinjijwe ibitsindo (...)

Primus Ligue A : Mu nkino za mbere z’umunsi wa 22 hinjijwe ibitsindo 4

lundi 12 mars 2018

Naho inkino zibiri zose vyari bitegekanijwe ko zibera ku kibuga c’I Buganda, mu ntara ya Cibitoke, kw’igenekerezo rya 10 Ntwarante 2018, urukino rumwe nirwo rwabaye, urundi ruca rwungururizwa kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 11 Ntwarante 2018, kubera imvura.

Mu rukino rwa mbere, umurwi Athletico Olympic wakinye n’umurwi Messager Bujumbura, urwo rukino rukaba rwarangiye umurwi Athletico Olympic utsinze umurwi Messager Bujumbura ibitsindo bitatu ku busa.

Mu rundi rukino rwari kuba kuwa gatandatu nyene ariko ruca ruba kuw’Imana kubera imvura, rwahuje umurwi LLB S4A na Les Jeunes athlétiques, ruca rurangira umurwi LLB S4A utsinze Les Jeunes athlétiques igitsindo kimwe ku busa.

Ku rutonde nfatakibanza umurwi Messager Ngozi uracari mu kibanza ca mbere n’amanota 50, mu kibanza ca kabiri hari umurwi LLBS 4 A n’amanota 48, mu kibanza ca gatatu haza umurwi Aigle Noir n’amanota 41, mu kibanza ca kane ni Vitalo n’amanota 35.

Umusi wa 22 w’ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu cicaro ca mbere mu Burundi, uzobandanya kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 13 Ntwarante 2018.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.