IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Primus Ligue Burundi: Umurwi LLBS4Africa uza mu kibanza ca mbere ku rutonde (...)

Primus Ligue Burundi: Umurwi LLBS4Africa uza mu kibanza ca mbere ku rutonde nfatakibanza

lundi 2 Gitugutu 2017

Muri izo nkino zabaye ,urukino rwari rurindiriwe cane n’urukino rwahuje umurwi LLS4Africa n’umurwi Inter Star,umurwi LLBS4A watsinze ibitsindo bine ku busa bw’umurwi Inter Star.

Izindi nkino zagenze uku: Umurwi Messager Bujumbura watsinze umurwi Musongati ibitsindo bibiri kuri kimwe,umurwi Athletico wanganije na Les Lierres igitindo kimwe ku kindi,umurwi Les jeunes athletiques watsinze umurwi Flambeau de l’Est igitsindo kimwe ku busa.

Kuri iyo ndwi ya kane nyene, mu zindi nkino vyagenze uku: Umurwi Delta Star wanganije n’umurwi Vitalo FC igitsindo kimwe ku kindi ,umurwi Olympic Star utsinda Bujumbura City ibitsindo bitatu ku busa,mu gihe umurwi Aigle Noir watsinze umurwi Flambeau du centre ibitsindi bibiri kuri bitatu.

Inyuma y’izo nkino,ku rutonde nfatakibanza umurwi LLBS4Africa uri mu kibanza ca mbere n’amanota 12,umurwi Aigle Noir mu kibanza ca kabiri n’amanota 10,umurwi Messager Ngozi mu kibanza ca 3 n’amanota 9, umurwi Olympic Star uza mu kibanza ca kane n’amanota 8.

Bitegekanijwe ko indwi ya gatanu y’ihiganwa izoba ku magenekerezo ya 4 na 5 Nyakanga 2017.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.