Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Primus Ligue : Ku munsi wa nyuma w’ihiganwa Messager Ngozi iri mu kibanza ca (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Primus Ligue : Ku munsi wa nyuma w’ihiganwa Messager Ngozi iri mu kibanza ca (...)

Primus Ligue : Ku munsi wa nyuma w’ihiganwa Messager Ngozi iri mu kibanza ca mbere vy’infatakibanza

vendredi 22 décembre 2017

Urukino rwa mbere rwuguruye umunsi wa 15 w’ihiganwa rwahuje umurwi wa Athletico Olympic n’umurwi Inter Star. Urukino rwarangiye umurwi Athletico utsinze umurwi Inter Star ibitsindo bitatu ku busa.

Inyuma y’urwo rukino, umurwi Athletico wahora mu kibanza ca 15 waciye uduga ibibanza bine vyose, ushika mu kibanza ca 11 ku rutonde nfatakibanza mw’ihiganwa ry’icicaro ca mbere Primus Ligue Burundi.

Mu nkino zitegekanijwe kur’uno wa gatanu zo ku munsi wa 15, ni uruhuza umurwi Delta Star n’umurwi Aigle Noir, urundi rukino ruza guhuza umurwi Flambeau de l’Est wo mu Ruyigi n’umurwi Messager Ngozi.

Ku rutonde nfatakibanza,umurwi Messager Ngozi uri mu kibanza ca mbere n’amanota 36, mu gihe mu kibanza ca kabiri hari umurwi wa LLBS4 Afrika n’amanota 35, ugakurikirwa n’umurwi Aigle Noir ufise amanota 31.

Imirwi iri mu bibanza bitatu vya nyuma kur’urwo rutonde ni Delta Star iza mu kibanz ca nyuma n’amanota 5,jeune Athletic mu kibanza ca 15 n’amanota 12, ukaba ukurikira umurwi Messager Bujumbura uza mu kibaza ca 14 n’amanota 12 nyene.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.