Primus Ligue : Messager Ngozi uracari mu kibanza ca mbere ku rutonde nfatakibanza

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 6 avril 2018 saa 12:20
6885
0 0

Ihiganwa ry’umupira w’amaguru ryarabandanije ku munsi waryo wa 24, kur’uyu wa kane igenekerezo rya 5 Ndamukiza 2018. Inyuma y’inkino zitatu zakinywe ku bibuga bitandukanye, umurwi Messager Ngozi uracari mu kibanza ca mbere ku rutonde mfatakibanza.

Muri izo nkino zitatu zabaye kur’uno wa kane imirwi yatsindanye uku gukurikira :

Delta Star 0-Messager Ngozi1
Bujumbura city 2-Flambeau du centre 0
Athletico Olympique 0-LLBS4 Afrika 2

Inyuma y’umunsi wa 24 w’ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu cicaro ca mbere, imirwi isumbanya amanota uku gukurikira :

Messager Ngozi uri mu kibanza ca mbere ku rutonde mfatakibanza, ufise amanota 59 n’ibitsindo 26, LLBS4 Afrika uza mu kibanza ca kabiri n’amanota 54 n’ibitsindo 24, umurwi Aigle Noir uza mu kibanza ca gatatu n’amanota 48, umurwi Vitalo mu kibanza ca kane n’amanota 40.

Imirwi iza mu bibanza vya nyuma ni , Messager Bujumbura uza mu kibanza ca 14 n’amanota 21 Les Jeunes Athletiques uza mu kibanza ca 15 n’amanota 17 , mu kibanza ca nyuma hari umurwi Delta Star n’amanota 7 gusa.

Umurwi LLBS4 Afrika , uza mu kibanza ca kabiri, uracafise inkino zibiri utarakina.


Kumenyekanisha

1
niyonkuru vianney 8-04-2018 à 20:24

nagomba mumpe indirimbo muce munyereka uburyo bwo kuyishira muri memware murakoze

2
Ridimix-b 7-04-2018 à 10:41

Flambeau Komutayishikiy Namakuru Mutanze Ciye Ndayanka.

3
Ndagijimana Joë l 7-04-2018 à 05:52

Jew Ndumufana Wa Meshaje Ngozi Ahubwo Ndayishigikiye Igumane Kuraje Ibe Iyambere

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha