PrimusLigue Burundi : LLBS4A watakaje amanota atatu mu rukino rwa mbere rwo gusubiriza

Yanditswe na BUKURU Pacifique
Kuya 18 janvier 2018 saa 09:16
5730
1 0

Inkino zo gusubiriza mw’ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu Burundi Primus Ligue Burundi zaratanguye kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 17 Nzero 2018. Urukino rumwe gusa nirwo rwabaye, umugwi wa LLS4A warangije igice ca mbere uri mu kibanza ca kabiri ku rutonde nfatkibanza ukaba watsinzwe na Flambeau de l’Est, ibitsindo bibiri ku busa.

Uri ku kibuga cawo mu ntara ya Ruyigi, ibitsindo bibiri vy’umurwi Flambeau de l’Est, vyatsinzwe n’abakinyi Adil hamwe na Bibe.

Gutsindwa kwa LLBS4A kwatumye uwo murwi utakaza akaryo ko gufata ikibanza ca mbere gisanzwemwo umurwi Messager Ngozi, ari nawo warangije igice ca mbere c’ihiganwa ufise amanota 38.

Umurwi LLBS4A ukaba umaze gutsindwa incuro 2, ku ncuro ya mbere umurwi Aigle Noir watsinze uwo murwi ibitsindo 4-0.

Umurwi wa Flambeau de l’Est ukaba uciye ukwiza amanota 21 ukaba uri mu kibanza c’indwi.

Mu nkino zitangura umugwi wa LLS4A wari watsinze Flambeau de l’Est ibitsindo 3-1.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha