PrimusLigue Burundi: Umurwi Meesager Ngozi uracari mu kibanza ca mbere ku rutonde nfatakibanza

Yanditswe na BUKURU Pacifique
Kuya 22 January 2018 saa 11:06
7110
0 0

Ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu cicero ca mbere Primus Ligue Burundi ryarabandanije ku munsi waryo ugira 16.Mu nkino zabaye kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 22 Nzero 2018,imirwi iserukira ishuri ry’umupira w’amaguru Le Messager ntiyorohewe.

Ku kibuga citiriwe Umuganwa Rudoviko Rwagasore, umurwi wa Messager Bujumbura wanganije ubusa ku bundi n’umurwi wa Les Jeunes Atlétique, nayo Messager Ngozi, ku kibuga c’Urumuri mu Ruyigi, yanganije na Flambeau de l’Est ubusa ku bundi.

Ku kibuga c’I Gitega, umurwi Vital’o Fc utigenjeje neza mu gice ca mbere c’ihiganwa,yatsinze umurwi wa Messager du Centre igitsindo kimwe ku busa.

Mu zindi nkino, umurwi Les Lierres watsinze umurwi Musongati FC igitsindo kimwe ku busa, mu gihe umurwi Athelico Olympic watsinze Inter Star igitsindo kimwe ku busa nyene, umurwi Olympic star watsinze Ngozi City ibitsindo 3 kuri kimwe, mu gihe umurwi Aigle Noir watsinze Delta Star ibitsindo 2 k’ubusa.

Ku rutonde rw’ihiganwa nfatakibanza, umugwi Messager Ngozi uracari mu kibanza ca mbere n’amanota 40, ugakurikirwa na LLBS4A n’amanota 38, Aigle Noir ikaza mu kibanza ca gatatu n’amanota 37.

Imigwi iri mu bibanza vya nyuma, ni les jeunes Athlétiques n’amanota 14, mu kibanza ca nyuma hakaza Delta star n’amanota 5.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha