IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > PrimusLigue : Umurwi LLBS4A wafashe ikibanza ca mbere ku rutonde (...)

PrimusLigue : Umurwi LLBS4A wafashe ikibanza ca mbere ku rutonde nfatakibanza

lundi 29 janvier 2018

Urwo rukino rwabaye kuwa gatandatu, igenekerezo rya 27 Nzero 2018, ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore.

Umurwi wa Messager Ngozi ukaba utorohewe na gato mu rukino rwatanguye igihe c’isaha umunani, Les Lierres ukaba utatewe ubwoba n’abakinyi ba Messager Ngozi wari umaze igihe kitari gito uri kwisonga ry’ihiganwa.

Inyuma y’iyo ntsinzi, umurwi wa Les Lierres ukaba waciye uja mu kibanza c’indwi nayo Messager Ngozi ikorokera mu kibanza ca kabiri.

Inkino zo ku ndwi igira 17 y’ihiganwa rya Primus Ligue zagenze uku gukurikira :

Ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 27 Nzero 2018 :

LLS4A 4- 1 Flambeau du Centre
Ngozi City 0-0 Jeunes Atletics
Aigle Noir 1- 1 Olympic Star
Les Lierres 2 – 0 Messagers Ngozi

Ku munsi w’Imana igenekerezo rya 28 Nzero 2018

Atletico 0-2 Buja City
Musongati 0-0 Vital’o
Messager Bujumbura 5-2 Delta Star

Umurwi wa LLBS4A ukaba ariwo uza kw’isonga ryihiganwa n’amanota 41, ugakurikirwa na Messager Ngozi n’amanota 40. Imirwi igeze ahatemba ikaba ari les Jeunes Atletics n’amanota 15, Delta Star ikaza mu kibanza ca nyuma n’amanota 5.


BUKURU Pacifique

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.