IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > PrimusLigueB : Umurwi Dynamic utahanye inota rimwe uca uguma mu kibanza ca (...)

PrimusLigueB : Umurwi Dynamic utahanye inota rimwe uca uguma mu kibanza ca mbere

dimanche 18 février 2018

Igitsindo ca mbere cabonetse mu rukino, ni igitsindo ca Muzinga cinjijwe kuri penaliti yatewe, inyuma y’aho umukinyi w’inyuma w’umurwi wa Dyanamic yari akoze k’umupira n’ukuboko.

Naho umurwi wa Muzinga wagumye werekana ko ukeneye kuzigama igitsindo wari uhejeje gutsinda, umurwi wa Dynamic nawo wahavuye wivyukiranya uca utsinda igitsindo ciza co kugombora nko k’umunota wa 80 w’urukino.

Urukino rwarangiye imirwi yose inganya igitsindo kimwe ku kindi, ibica bituma umurwi Dynamic ugumana ikibanza ca mbere mu murwi urimwo.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.