IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Primusligue Burundi:Umurwi Inter Star watsinzwe urukino rw’umunsi wa 17 (...)

Primusligue Burundi:Umurwi Inter Star watsinzwe urukino rw’umunsi wa 17 w’ihiganwa

jeudi 25 janvier 2018

Umurwi wa Inter Star, umwe mu mirwi yahora iteye ubwoba mu myaka yahera, umaze iminsi udahagaze neza.Ku ndwi igira 16 y’ihiganwa, waheruka gutsindwa n’umurwi wa Ahtletico Olympic igitsindo kimwe ku busa.

Umugwi wa Bujumbura City wowo, kuva aho umumenyereza wayo Omar NTAKAGERO agarukiye kuwumenyereza ubandanya wigenza neza.Bujumbura City ukaba uri mu kibanza ca 6 n’amanota 24 n’urukino rumwe utarakina, ukaza inyuma ya Olympic Star ifise amanota 27.

Inyuma yo gutsindwa, umurwi Inter Star uza mu kibanza ca 12 n’amanota 17 ku rutonde nfatakibanza, ugakurikirwa na Ngozi City ufise amanota 14.

Ku mundsi wa gatandatu igenekerezo 27 Nzero 2018, inkino zo ku ndwi ya 17 zizobandanya,Ku kibuga citiriwe Urukundo, Ngozi City izokwakira Les Jeunes Athlétiques igihe c’isaha icenda z’umuhingamo.

Ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore hazoba inkino 2 : Igihe c’isaha umunani z’umuhingamo, Les Lierres izotana mu mitwe na Messager Ngozi, igihe c’isaha cumi naho LLBS4A ihure na Flambeau du centre.

Ku kibuga c’i Gitega, Aigle Noir izokina na Olympic Star.

Ku rutonde nfatakibanza, umurwi wa Messager Ngozi ukaba ukiri kw’isonga ry’ihiganwa Primus Ligue n’amanota 40.


BUKURU Pacifique

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.