Abarundi batatu batangura mu kibuga mu rukino ruhuza Rayon Sport na Mamelody

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 7 mars 2018 saa 02:25
12180
0 0

Abakinyi batatu b’umurwi nserukira gihugu w’Uburundi Intamba mu Rugamba, nibo bari ku rutonde rw’abakinyi 11 batangura mu kibuga, mu rukino ruza guhuza umurwi Rayon Sport wo mu gihugu c’Urwanda na Mamelody Sundowns wo mu gihugu ca Afrika y’Epfo, mu nkino zihuza imirwi yabaye iya mbere mu bihugu vyayo ku mugabane wa Afrika.

Abo bakinyi ni KWIZERA Pierrot, NAHIMANA Shassir yahoze akinira umurwi Vitalo,hamwe na Hussein Shabani CHABALALA nawe yakiniye umurwi Flambeau de l’Est imbere y’uko akinira umurwi wa Vitalo.

Urwo rukino ruza kubera ku kibuga Amahoro, kiri ku murwa mukuru w’igihugu c’Urwanda igihe c’isaha icumi na zibiri zo ku mugoroba.

Umurwi Rayon Sport niwo wakuyemwo umurwi LLBS4 Africa wo mu Burundi, uwutsinze igitsindo kimwe ku busa, mu rukino rwo gusubiriza rwabereye ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko RWAGASORE kw’igenekerezo rya 21 Ruhuhuma 2018, mu gihe mu rukino rwa mbere rwabereye mu Rwanda imirwi yose yari yanganije igitsindo kimwe ku kindi.

Ibitsindo bibiri vyose vy’umurwi Rayon Sport, icatsindiwe mu Rwanda n’icatsindiwe mu Burundi, vyatsinzwe n’umukinyi w’umurwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba, Hussein Shabani Chabalala.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha