IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Smart > SMART : Guhamagara mu makungu ku giciro gito gusumba ico mu gihugu (...)

SMART : Guhamagara mu makungu ku giciro gito gusumba ico mu gihugu hagati

jeudi 1er Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Ishirahamwe Smart rirabategekaniriza ubuseke bwihariye bwo guhamagara muri Reta zunze Ubumwe z’Amerika, Canada, Ubushinwa, Ubuhindi hamwe no mu gihugu ca Pakistani.

Muri Reta zunze ubumwe za Amerika na Canada : Smart irabaronsa akaryo ku kugura agaseke kamara imisi 30 ku mafaranga 5000, ugaca uronswa uburusho bwinshi bugizwe n’uguhamagara iminota 40 muri Reta zunze Ubumwe za Amerika na Canada hamwe no guhamagara iminota 20 mu muhora wa smart, ugaca uhamagara ku giciro c’amafaranga 80 ku munota gusa.
Ako gaseke karakuronsa kandi ama mega 200 yo kuri intereneti hamwe n’ubutumwa bugufi 20 ku muhora wa smart.

Agaseke k’amafaranga 10000 kakuronsa iminota 85 yo guhamagara muri Amerika na Canada hamwe n’iminota 45 yo guhamagara muri smart ugaca uhamagara ku mafaranga atarenga 80 ku munota. Kuri ako gaseke, umunywanyi aronswa ama mega 450 yo kuri intereneti hamwe n’ubutumwa bugufi 30 arungika ku muhora wa smart. Ubwo burusho bugaherana n’iminsi itarenga 30 uhereye ku munsi umunywanyi asabiyeko agaseke.

Mu Bushinwa : mu guhamagara mu Bushinwa, Smart ibaronsa agaseke k’amafaranga 5000, ugaca wironkera iminota 20 yo guhamagara mu Bushinwa hamwe n’iminota 20 yo guhamagara ku muhora wa smart. Umunywanyi asavye ako gaseke ahamagara ku mafaranga 80 ku munota hamwe na mega 200 ya intereneti n’ubutumwa bugufi 20 ashobora kurungika ku muhora wa Smart.

Ku gaseke k’amafaranga 10.000 mu guhamagara mu Bushinwa, uronswa iminota 45 yo guhamagara muri ico gihugu ,hamwe n’iminota 45 ku muhora wa smart.
Mu misi 30, umunywanyi asavye ako gaseke aronswa mega 500 ya intereneti hamwe n’uibutumwa bugufi 45 ku muhora wa smart.

Muri Pakistani : Smart iguhitiramwo ubuseke bubiri kamwe k’amafaranga 5000 ugaca uronswa iminota 20 yo kwakura muri Pakistani, iminota 10 yo guhamagara ku muhora wa smart hamwe na mega 100 yo kuri intereneti. Ku gaseke k’amafaranga 10000, uronswa iminota 50 yo kwakura muri Pakistani, iminota 20 muri smart hamwe na mega 500 ya intereneti, ubwo burusho bukamara imisi 30 uhereye ku musi wabusabiyeko.

Mu Buhindi : Ku mafaranga ibihumbi 12000 gusa, uronswa iminota 80 yo guhamgara mu Buhindi ku mafaranga 80 atarenga ku munota, iminota 20 ku muhora wa smart hamwe na mega 500 ya intereneti, tutibagiye ubutumwa bugufi 20 uronswa bukamara iminsi 30.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.