IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Umurundi Pacifique NDABIHAWENIMANA yashizwe ku rutonde rw’abazohagarikira (...)

Umurundi Pacifique NDABIHAWENIMANA yashizwe ku rutonde rw’abazohagarikira CHAN 2018

mardi 31 octobre 2017

Pacifique NDABIHAWENIMANA ni umwe mu bandi bahagarikizi mpuzamakungu 23 bari ku rutonde rw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ku mugabane wa Afrika CAF.

Ihiganwa rya CHAN 2018 rizobera mu gihugu ca Maroc inyuma y’aho igihugu ca Kenya cari caronse ubwo burenganzira cerekaniye ko imyiteguro yo kwakira iryo higanwa itariko igenda neza.

Umuhagarikizi Pacifique NDABIHAWENIMANA, aramaze guhagarikira kandi izindi nkino mpuzamakungu, akaba aheruka guhagarikira urukino rwa nyuma rw’igikombe ca Afrika ku bakinyi batarenza imyaka 17, ihiganwa ryabereye mu gihugu ca Gabon.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.