Urukino ruhuza FC Barcelone na AS Roma rwatanguye imirwi yose yerekana ko ikeneye intsinzi, ariko mu buhinga no gusatira cane kw’umurwi FC Barcelone, ku munota wa 39, kizigenza wa AS Roma De Rossi yiyinjije mw’igori ryiwe.
Igice ca mbere c’urukino caheze ari igitsindo kimwe ku busa, ariko ku munota wa 55 , umukinyi Manolas wa AS Roma, yiyinjiza ikindi gitsinzo, bivuye ku bwinshi bw’abakinyi wa FC Barcelone bari baje gusatira.
Ku munota wa 59, mu gihe abakinyi ba FC Barcelone bari baje gusatira kandi, Gerard Pique umukinyi w’inyuma wa FC Barcelone yinjije igitsindo ca gatatu, ariko ku munota wa 80, umukinyi wa AS Roma Dzeco, yinjiza igitsindo, bica biba ibitsindo bitatu kuri kimwe.
Ibintu vyagiye kuboneka neza, ku munota wa 87, aho umukinyi Suarez yinjije igitsindo kigira kane ca FC Barcelone, urukino ruca ruhera ari ibitsindo bine vya FC Barcelone kuri kimwe ca AS Roma.
Mu rundi rukino, naho umurwi Manchester City uri mu kibanza ca mbere mu gihugu c’Ubwongereza, umurwi Liverpool ntiwatinye kuwutsinda ibitsindo bitatu ku busa.
Igitsindo ca mbere cinjiye ku munota wa 12, cinjijwe na Mohamed Salah, ica kabiri cinjira ku munota wa 20 ,Oxlade yinjiza ica kabiri, ica gatatu cinjizwa na Sadjio Mané ku munota wa 31.
ndakeje umugwi wa FCB uzokwama aruwambere ibihe vyose ok