IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > UEFA : Umumenyereza wa Real Madrid n’uwa Liverpool bavuga iki ku rukino rwa (...)

UEFA : Umumenyereza wa Real Madrid n’uwa Liverpool bavuga iki ku rukino rwa nyuma ?

samedi 26 mai 2018

Amaso y’abakunzi b’urukino rw’umupira w’amaguru ari mu gisagara ca Kiev mu gihugu ca Ukrain. Muri ico gisagara, niho urubanza hagati ya Real Madrid na Liverpool rusomerwa, naho bias n’ibitoroshe kuko umurwi wose ushaka gutahukana ico gikombe.

Yaba Zinedine Zidane amenyereza Real Madrid, yatahukanye ico gikombe ari umukinyi, yongera agitahukana ari umukinyi, canke Jurgen Klopp amenyereza Liverpool, bose bemeza ko biteguye kandi atacotuma abakinyi babo batavyifatamwo neza.

Ku ruhande rwiwe , Zinedine Zidane amenyereza Real Madrid yavuze ko, uru rukino ari rumwe mu nkino za nyuma zikomeye muri kahise kiwe, ariko ko afise icizere co gutsindira igikombe.

Jurgen Klopp amenyereza Liverpool, wewe avuga ko ata gituma na kimwe cotuma abakinyi biwe bagira ubwoba imbere ya Real Madrid, kuko naho ifise uburambe, itabarusha abasatirizi kuko bashobora gutsinda ibitsindo imbere y’abakinyi b’inyuma abaribo bose.

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ku mugabane wa Buraya,UEFA, wamenyesheje ko abakinyi bashobora gutangura mu kibuga ku mpande zose, ari aba bakurikira :

Real Madrid : Keylor Navas ; Dani Carvajal, Raphaël Varane, Sergio Ramos, Marcelo ; Casemiro, Toni Kroos, Luka Modrić, Isco ; Cristiano Ronaldo na Karim Benzema.

Liverpool : Loris Karius ; Trent Alexander-Arnold, Virgil Van Dijk, Dejan Lovren, Andy Robertson ; Jordan Henderson, James Milner, Georginio Wijnaldum ; Sadio Mané, Roberto Firmino na Mohamed Salah.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.