Accueil > Inkino > Amahiganwa > Uburundi bugiye kwakira inkino za gisirikare zihuza ibihugu vya Afrika (...)
Uburundi bugiye kwakira inkino za gisirikare zihuza ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko
lundi 21 Myandagaro 2017
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 21 Myandagaro 2017, Colonel Gaspard BARATUZA avugira ubushikiranganji bwo kwivuna abansi amenyesha ko izo nkino zihuza abasirikare bo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko zitunganywa mu ntumbero yo guhuza abasirikare kugira bamenyerane.
Colonel Gaspard BARATUZA avuga ko bisunze uko abakinyi baserukira Uburundi bagiye barigenza mu mahiganwa amaze gutunganya, bagafatira kandi ku kungene bariko baritegura, biteze ko abakinyi baserukira Uburundi bazokwitanga.
Yavuze ati :«Imirwi y’Uburundi igeze ku rugero rwiza, twizeye ko abakinyi bacu bazotahana ikibanza ciza muri aya mahiganwa.»
Colonel Gaspard BARATUZA avugira ubushikiranganji bwo kwivuna abansi amenyesha kandi ko hateguwe imirwi izokwerekana imvyino n’intambo zo mu bihugu bizokwitaba ayo mahiganwa.
Ku bijanye n’umutekano w’abazokwitaba inkino, Colonel Gapard BARATUZA yavuze ko ingingo zose zikenewe kugira umutekano uzobe ukingiwe neza zafashwe, kandi ko n’abazoja gushigikira imirwi umutekano wabo uzoba ucunzwe neza.
- Col Gaspard BARATUZA,umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi
Izo nkino zitunganijwe ku ncuro ya 11 zizokwitabwa n’ibihugu bitanu, Uburundi buzokwakira ihiganwa, Tanzaniya, Kenya, Ubuganda n’igihugu ca Sudani y’Ubumanuko kizokwitaba nk’ikije kurorera, kuko ari irya mbere kizoba citavye iryo higanwa. Urwanda rukaba rutazoserukirwa muri izo nkino zizobera i Bujumbura.
Uburundi bwakiriye izo nkino ku ncuro igira kabiri, inyuma y’aho umwaka wa 2011 aho bwakiriye izo nkino ku ncuro ya mbere.
MUGISHA Van Naris
Messages
21 Myandagaro 2017, 16:27, par Kararuza
Arabura kutubwira ko Intwazangabo 7 z’u Burundi ejo ziciwe muri Somalie akatubwira ivy’inkino?
22 Myandagaro 2017, 09:57, par bigabo
Nta mukinnyi wo mu Rwanda waza i Burundi, kurebe iki se ? Umutekano se !!!!!!!, iki koko !!!!!