Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uburundi bugiye kwakira inkino za gisirikare zihuza ibihugu vya Afrika (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Uburundi bugiye kwakira inkino za gisirikare zihuza ibihugu vya Afrika (...)

Uburundi bugiye kwakira inkino za gisirikare zihuza ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko

lundi 21 Myandagaro 2017

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 21 Myandagaro 2017, Colonel Gaspard BARATUZA avugira ubushikiranganji bwo kwivuna abansi amenyesha ko izo nkino zihuza abasirikare bo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko zitunganywa mu ntumbero yo guhuza abasirikare kugira bamenyerane.

Colonel Gaspard BARATUZA avuga ko bisunze uko abakinyi baserukira Uburundi bagiye barigenza mu mahiganwa amaze gutunganya, bagafatira kandi ku kungene bariko baritegura, biteze ko abakinyi baserukira Uburundi bazokwitanga.

Yavuze ati :«Imirwi y’Uburundi igeze ku rugero rwiza, twizeye ko abakinyi bacu bazotahana ikibanza ciza muri aya mahiganwa

Colonel Gaspard BARATUZA avugira ubushikiranganji bwo kwivuna abansi amenyesha kandi ko hateguwe imirwi izokwerekana imvyino n’intambo zo mu bihugu bizokwitaba ayo mahiganwa.

Ku bijanye n’umutekano w’abazokwitaba inkino, Colonel Gapard BARATUZA yavuze ko ingingo zose zikenewe kugira umutekano uzobe ukingiwe neza zafashwe, kandi ko n’abazoja gushigikira imirwi umutekano wabo uzoba ucunzwe neza.

JPEG - 36.2 ko
Col Gaspard BARATUZA,umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi

Izo nkino zitunganijwe ku ncuro ya 11 zizokwitabwa n’ibihugu bitanu, Uburundi buzokwakira ihiganwa, Tanzaniya, Kenya, Ubuganda n’igihugu ca Sudani y’Ubumanuko kizokwitaba nk’ikije kurorera, kuko ari irya mbere kizoba citavye iryo higanwa. Urwanda rukaba rutazoserukirwa muri izo nkino zizobera i Bujumbura.

Uburundi bwakiriye izo nkino ku ncuro igira kabiri, inyuma y’aho umwaka wa 2011 aho bwakiriye izo nkino ku ncuro ya mbere.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.