IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Uburundi bwaserukiwe mw’ihiganwa ryo kunagana muri Nijeriya

Uburundi bwaserukiwe mw’ihiganwa ryo kunagana muri Nijeriya

mercredi 7 février 2018

Imbere yo gufata indege imushikana mu gihugu ca Nijeriya, Cedrick NIMPAGARITSE yavuze ko yiteguye guserukira igihugu neza, akavuga ko ari iteka kubona igihugu gishoboye kwitaba ihiganwa mu gihe hari haheze imyaka ibiri batitaba amahiganwa mpuzamakungu.

Cedric avuga ati : « Kubona dushoboye kwitaba ihiganwa ni vyiza cane.Ndijeje abarundi ko tuzokwigenza neza dutahukane umudari.Twari tumaze imyaka 2 tutitaba amahiganwa kubera imvo zitandukanye, bari batubwiye ko nitwaramuka dusivye ihiganwa ry’uno mwaka, ishirahamwe ryacu rica rihagarikwa.Ndashimiye cane abakoze ibishoboka vyose kugira twitabire amahiganwa, cane cane ibiro vy’umukuru w’igihugu. »

Naho yitabiriye ihiganwa, Cedric yagiye mu buryo butoroshe kuko ashika mu gihugu ca Nijeriya kur’uyu wa gatatu igihe c’isaha imwe y’ijoro, ihiganwa rikaba ryatanguye uno munsi nyene igenekerezo rya 7 Ruhuhuma 2018.

Cedric NIMPAGARITSE avuga ko umunonotsi ari nk’umusirikare, kandi ko naho yoshikira mu kibuga azi ko avyigenzamwo neza.


BUKURU Pacifique

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.