Incamake

Uburundi bwatahukanye ikibanza ca 3 mw’ihiganwa rya "Goal Ball" i Kampala

Yanditswe na Pacifique BUKURU
Kuya 20 Munyonyo 2017 saa 11:48
8445
0 0

Uburundi bwatahukanye ikibanza ca gatatu mw’ihiganwa ry’ibihugu vyo mu muryango wa Afrika y’ubuseruko "EAC", mu rukino rwa "Goal Ball", urukino rukinwa n’abagendana ubumuga bw’amaso (Abatabona hamwe n’abatabona neza). Iryo higanwa ryasozerewe kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 19 Munyonyo, mu gisagara ca Kampala, mu gihugu ca Uganda.

Mu rukino rwo guhiganirwa ikibanza ca gatatu rwabaye igihe c’isaha umunani kuri uwu w’Imana, Uburundi bwirahiye igihugu ca Tanzaniya ku manota agera kuri 23 kuri 13, bukaba bwaciye bufata ikibanza ca gatatu inyuma y’igihugu ca Kenya hamwe n’Ubuganda.

Izo nkino Uburundi bukaba bwaserukiwe n’abahoze ku rugamba mu gisirikare c’Uburundi, nk’uko ayo makuru dukesha Colonel Gaspard BARATUZA umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi abimenyesha.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha