Incamake

Uburusiya : Abana bo mw’ibarabara baserukiye Uburundi batsinze urukino rwa 1/8 gishira ica nyuma

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 12 mai 2018 saa 12:49
19350
0 0

Umurwi w’abana bahoze baba mw’ibarabara waserukiye Uburundi, mu nkino zihuza imirwi y’abana bO mw’ibarabara ziriko zibera mu gihugu c’Uburusiya watsinze umurwi wa Indoneziya ibitsindo bibiri ku busa mu rukino rwa mbere.

Igice ca mbere c’urukino caheze, umurwi waserukiye Uburundi ufise igitsindo kimwe ku busa bwa Indoneziya, mu gice ca kabiri, umurwi w’Uburundi uca winjiza igitsindo ca kabiri.

Izo nkino umurwi waserukiye Uburundi witavye zikaba ziri mu rukurikirane rwo kwitegurira igikombe c’isi yose mu mupira w’amaguru kizobera mu gihugu c’Uburusiya kuva mu kwezi kuza kwa Ruheshi.

Umuyobozi w’ishirahamwe New Generation yavuze ko muri iryo higanwa, abakinyi bazoboneraho akaryo ko kuganira n’abandi kugira batorere inyishu ikibazo c’abana bo mw’ibarabara.


Kumenyekanisha

1
Karikurubu abdallah 24-05-2018 à 06:42

Iciyumviro canje nuko abobana bomwibarabara bofatwa mumugongo bihagije kuko nibwo burundi bwejo nabandi badafite icobakora babahangire imyuga bavemwi barabara kugirango ntibakurane ivyiyumviro bibi vyononera abandi

2
Mahoro 12-05-2018 à 14:43

Twovugako baduteye iteka none ? Nibazako ibihugu vyaserukiwe bikwiye kwikubita agashi.Ibarabara ntirivyara !

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha