IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwugaye ubudandarizo bw’imiti Axis (...)

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwugaye ubudandarizo bw’imiti Axis Pharma

mardi 20 février 2018

Nk’uko biri mw’ikete umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya Sida, Muganga Josiane NIJIMBERE yandikiye umuyobozi wa Axis Pharma, yamenyesheje ko Axis Pharma irangwa n’utunenge mu bikorwa vyayo.

Umushikiranganji Josiane NIJIMBERE , amenyesha ko Axis Pharma yinjiza mu gihugu ivyo batekeramwo imiti kandi ata yirimwo, biriko ikiringo imiti yakoreweko naho izohereza gukora.

Muri iryo kete kandi, umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya Sida, amenyesha ko ubudandarizo Axis Pharma bugerageza guca hirya y’amategeko agenga ibijanye no kwinjiza imiti n’ibindi bikoreshwa mu gisata c’amagara y’abantu.

Umushikiranganji Josiane NIJIMBERE aramutswa ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya Sida, amenyesha ko Axis Pharma ikoresha udupapuro turanga umuti dushobora guhindurwa vyoroshe, ibishobora gutuma hadandazwa imiti yarenganye ikiringo co gukoreshwa.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya Sida, asaba abajejwe intwaro, amagara y’abantu n’abajejwe umutekano, umwe wese ku bimwega, gufasha kugira iyo ngingo y’iyugarwa rya Axis Pharma ije mu ngiro.

Kur’uno wa mbere, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu, Muganga Thadee NDIKUMANA, ari kumwe n’abandi bakozi bo mu bushikiranganji, akaba aribo bashize amagufuri ahakorera ubudandarizo bw’imiti Axis Pharma.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.