IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Uko imirwi yatsindanye mu gice ca mbere c’ihiganwa ry’umukuru w’igihugu muri (...)

Uko imirwi yatsindanye mu gice ca mbere c’ihiganwa ry’umukuru w’igihugu muri Basketball

lundi 6 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu mpera z’indwi irangiye, inkino za mbere z’igikombe c’umukuru w’igihugu zarakinywe ku kibuga co mu Gikungu. Ku munsi wa gatandatu, inkino zagenze uku gukurikira.

Mu bagabo :

New Star 59 - 51 Muzinga, Kern 76-35 Ambassador’s.

Ku munsi w’imana

Gymkana 56-48 Dynamo, Urunani 59- 54 Mutanga United.

Imirwi ya New Star, Kern, Urunani na Gymkhana ikaba ariyo izobandanya ihiganwa n’iyindi migwi yo hagati mu gihugu. Aho ni mu gihe ku ruhande rw’abigeme, imigwi ya Berco Star, les Gazelles hamwe na Aigle Noire ariyo izobandanya ihiganwa.

Aimable Nkunzimana ari mu batunganya iryo higanwa ku giti c’ishirahamwe Raising Generation, amenyesha ko intumbero y’ihiganwa ari gufasha urwaruka rukina urukino rwa Basketball mu mihingo yose y’igihugu kwerekana ico rushoboye.

«Dushaka ko urwaruka rukina Basketball mu Burundi rwoja ahabona rugahiganwa n’abandi kugira ngo turonke urwaruka ruri ku rwego rwo guserukira igihugu, urukino rwa basketball rugasubira kugera ku rugero rwo hejuru nk’uko vyahora mu myaka yahera, mbere tukanarushirizaho».

Aroni Kagabo amenyereza umurwi w’Urunani asaba abarongoye ishirahamwe rya Basketball hamwe n’abitaho inkino muri rusangi kugwiza inkino hamwe no gukarihiriza ubumenyi abamenyereza.

«Urwaruka rwacu rurakina neza urukino rwa Basketball, rukitanga ukwo rushoboye, mugabo hariho agahaze ko kuronka amahiganwa menshi yo gukina kugira baje ku rugero rwo hejuru. Hariho n’agahaze ku bamenyereza bacu. Haheze imyaka ishika kuri 6 ata nyigisho zo gukarihiriza ubumenyi abamenyereza ritunganijwe.»

Ihiganwa rikaba rizobandanya mu mpera y’ino ndwi yatanguye kuri uwu wa mbere.


Pacifique BUKURU

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.