Accueil > Inkino > Amahiganwa > Umurwi Islamic State wagabishije Cristiano Ronaldo na Lionel Messi ko (...)
Umurwi Islamic State wagabishije Cristiano Ronaldo na Lionel Messi ko bashobora kwicirwa mu Burusiya
vendredi 18 mai 2018
Mu mashusho uwo muhari wacishije ku rubuga rwa Telegram, yerekana Cristiano Ronaldo na Lionel Messi baryamitswe hasi, mu kibiga, abantu babiri bifutse mu maso babafashe imitwe nk’uko boba bagiye kubaca imitwe.
Abasobanura ururimi rw’icarabu bavuga ko handitse kuri ayo mashusho ko amaraso y’abo azokwuzura ikibuga. Ati : “Ikibuga kizokwuzura amaraso yanyu.”

Kw’ishusho ya kabiri, umuhari wa Reta ya Ki isiramu, werekana ikibuga cuzuye abaje kuraba urukino, mu gihe urkino ruba rugomba rutangure, harimwo umuntu afise gerenade mu ntoke, iyo nayo yanditseko ngo : “Igikombe c’Isi ca 2018 mu Burusiya, intsinzi izoba iyacu.”

Si ubwa umurwi w’iterabwoba Islamic State berekana ko bafise imigambi yo kwica abantu mu gikombe c’isi, kuko baheruka no gusohora iyinsi shusho ya Lionel Messi apfunzwe bandikako ngo : “Murarwanya igihugu kitagira gutsindwa mu majambo yaco.”
Mu gutera ubwoba abazokwitaba ihiganwa ry’igikombe c’isi mu mupira w’amaguru, mu mwaka uheze wa 2017, basohoye amashusho yerekana ibiziga biryamitse hafi y’ikibuga, baca bandikako ngo : “Ndarahiye umuriro wa Mujahideen uzobaturira […] murindire gato.”
Igikombe c’Isi kizotangura kw’igenekerezo rya 14 Ruheshi kirangire kw’igenekerezo rya 15 Mukakaro 2018. Imirwi 32 iserukira ibihugu niyo izokwitaba iryo higanwa.
MUGISHA Van Naris
Messages
18 mai 2018, 22:47, par THIERRY TUYISENGE
TWOBABARA CANE AHUBWO BADUKUNDA BOVYIHOZA
17 juin 2018, 23:13, par Salomon
Kuri C.Ronaldo Na Lionnel Messi Baratobapfa Ahubwonibobazokwitswa.