IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Umurwi Rayon Sport, abarongozi bane bawo n’umwe wa LLB bafatiwe ibihano na (...)

Umurwi Rayon Sport, abarongozi bane bawo n’umwe wa LLB bafatiwe ibihano na CAF

mardi 3 avril 2018

Abo bayobozi ba Rayon Sport bafatiwe ibihano,ni MUHIRWA Prosper, icegera c’uwurongoye umurwi Rayon Sport, RUKUNDO Patrick, MUDAHERANWA Shaffy na NKUSI Jean Paul, hamwe n’umurundi MPUNZU Eloge, yagirijwe gushaka gutana mu mitwe n’abahagarikizi b’urukino

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ku mugabane wa Afrika CAF, rimenyesha ko, umurwi Rayon Sport wo mu Rwanda waciriwe gutanga ihadabu y’amafaranga ibihumbi 15 vy’amadorare y’abanyamerika, mu gihe abarongozi bane b’umurwi Rayon Sport bahagaritswe imyaka ibiri, uwo muri LLBS4 Afrika nawe ahagarikwa umwaka umwe.

Abagize umurwi ukurikiranira hafi ibijanye n’imyifato muri CAF, bahuye kw’igenekerezo rya 25 Ntwarante 2018, mu gihugu ca Misiri, mu nama yari yatumiwemwo umurwi Rayon Sport na LLBS 4 Afrika.

Vyose vyatanguye kw’igenekerezo rya 21 Ruhuhuma 2018, mu rukino rwo gusubiriza rwabereye i Bujumbura,rwahuje umurwi wa Rayon Sport wo mu Rwanda hamwe na LLBS4 Afrika wo mu Burundi, aho umurwi Rayon Sport watsinze LLBS4 Afrika, igitsindo kimwe ku busa.

Inyuma y’urukino vyaravuzwe ko umurwi Rayon Sport wo mu Rwanda woba waratanze igiturire ku bahagarikizi, mu nyuma bica bishikanwa mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afrika CAF, iryo naryo risaba imirwi yose gutanga insiguro, kugira utanguze amatohoza.

Naho biri ukwo, amakuru dukesha ikinyamakuru IGIHE co mu gihugu c’Urwanda, amenyesha ko umurwi ujejwe inyifato mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afrika CAF, utigeze wemeza ko Rayon Sport watanze igiturire ariko wavuze ko hari abantu barenze amategeko.

Mu rukino rwa mbere rwabereye mu gihugu c’Urwanda, umurwi LLBBS4 Afrika na Rayons Sport bari banganije, igitsindo kimwe ku kindi.

Umurwi Rayon Sport, wemerwe kubandanya kandi amahiganwa muri CAF Confederation Cup aho izohura n’umurwi Costa do Sol wo mu gihugu ca Mozambique.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.