Umurwi w’intara ya Makamba watahukanye igikombe ca Lake Tanganyika Cup

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 28 October 2017 saa 10:29
Yasomwe : 4680
0 0

Umurwi userukira intara ya Makamba niwo watahukanye igikombe c’ihiganwa ryitiriwe Lake Tanganyika Cup umwaka wa 2017, ryabereye I Kigoma mu gihugu ca Tanzaniya.

Mu rukino rwa nyuma rwahuje umurwi w’intara ya Makamba n’umurwi wa Secteur Mwamgongo w’i Kigoma,umurwi w’intara ya Makamba watsinze igitsindo kimwe k’ubusa.

Igitsindo kimwe c’umurwi w’intara ya Makamba cabonetse muri urwo rukino rwabaye ku’uno wa gatanu igenekerezo rya 27 Gitugutu 2017,cinjijwe n’umuklinyi Shaka Bienvenu asanzwe akinira umurwi Aigle Noir wo mu ntara ya Makamba, mu minota ya nyuma y’urukino.

Urukino rwo kurondera umurwi utahukana ikibanza ca gatatu n’ica kane rwahuje imirwi ya Kasulu na Kakonko yo mu gihugu ca Tanzaniya.

Umurwi w’intara ya Makamba ukaba watahukanye igikombe n’amafaranga 2500000 vy’amashiringi ya Tanzaniya,Mwamgongo wa kabiri utahukana 2000000 z’amashiringi,uwa gatatu utahukana 1500000 y’amashiringi,uwa kane utahukana 1000000 w’amashiringi,vyatanzwe na Fondation Pax Burundi.

Mwomenya ko urwo rukino rwari rwatewe iteka n’umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi, akaba n’umukuru w’inama nkenguzamateka umukenguzamateka Reverien NDIKURIYO.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha