Accueil > Amagara y’abantu > Abakenyezi baturitsa umukenke cane muragabe !
Abakenyezi baturitsa umukenke cane muragabe !
mercredi 16 Ndamukiza 2014
Mu cirwa giheruka gukorwa n’abashakashatsi baturuka mu gihugu c’Ubushinwa ku bijanye n’inzoga, bavuga ko inzoga ari mbi, na cane cane cane ku bakenyezi kuko zibica n’ingoga kurusha abagabo.
Mu cirwa casohowe n’ikinyamakuru “The Journal of Women’s Health”, abakoze ubushashatsi bavuga ko abagore babangamirwa n’inzoga, ndetse bagapfa kare imbere y’abagabo kubera ukwihereza inzoga ku rugero rurengeje urugero. Abashakashatsi b’i Pekin kw’ishure “chinese Academy of Medical Sciences”, ku vyirwa bakoze bigera kuri 24, ku bantu bagera ku miriyoni 2 424 964, muri bo harimwo umuriyoni 1 473 899 w’abagabo n’ibihumbi 951 065 vy’abagore, abegera ku 123 878 akaba aribo bapfuye.

Umwigisha Chao Wang, icegera c’uwabateguye ico cirwa, akavuga ko kugira barabe ukungene inzoga zica n’ingoga abagore kurusha abagabo, babirabiye ku ngaruka zibonekeje, inyuma yo kunywa inzoga ku bagore no ku bagabo. Basanze ku bagore bapfa, abapfa barusha abagabo gushika kuri 1,52 mu gihe, boba banywa amagarama 75 ku munsi, 1,95 bapfa kurusha abagabo mu gihe boba banywa amagarama 90 y’inzoga ku munsi hamwe n’ibice 2,36 mu gihe banyoye amagarama 100 y’inzoga ku munsi.
Inyuma yaho hakorewe ico cirwa, abashakashatsi bahanura ko abagore banywa inzoga, na cane cane abanywa nyinshi botangura kuzigabanya mu gukingira amagara yabo n’ayabana babo. Tubibutse ko inzoga zifise ingaruka zitari nziza ku magara y’abantu yaba ku bakenyezi canke ku bagabo. Zimwe mu ngaruka zishobora kwibonekeza, hari ukubura itiro, uguta ubwenge, guta umurongo w’ukungene wahora umeze, canke bigatera ivyiyumviro vyo kwiyahura tutibagiye n’indwara zoshobora kwiyadukiza.
Mu kamenya ko zimwe mu ndwara nka Cirrhoses zivuye kukunywa inzoga kenshi, za canseri yo ku munwa, yo mu muhogo mu mahaha n’igitigu hamwe n’indwara zivuye ku mirindi y’amaraso, zikunze kubangamira mwene abo bakenyezi, co kimwe n’ayandi mabi atandukanye bahura nabo haba mu mibano canke ikubagurwa bagirirwa kenshi.
Mariella Bukuru
Messages
17 Ndamukiza 2014, 20:56, par Djuma
inzoga nimbi cane kandi ikintu cose imana yabujije abantu ntakabuza kokigira ingarukambi kumuntu ibyobyose inzoga nitabi nakindi bimaze atarugutikiza abantu ariko kuberayuko bitanga ikori ryinshi reta nishobora kubihagarika ahubwo usanga birirwa bafata irumogi kanyanga nibabifate byose uko byakabaye kuko byose ari byica abantu murakoze