Accueil > Amagara y’abantu > Abana bato bagiye guhabwa urucanco rukinga ugucibwamwo
Abana bato bagiye guhabwa urucanco rukinga ugucibwamwo
samedi 7 Kigarama 2013
Abana bato bazoronswa urucanco rwo gukinga indwara zo gucibwamwo guhera kw’igenekerezo rya 16 kigarama. Ivyo vyamenyeshejwe na Muganga Boniface Maronko arongoye umugambi w’igihugu ujejwe gucandaga PEV( Programme élargi de vaccination au Burundi).

Umuganga Maronko yamenyesheje ko Uburundi bwateye intambwe nk’ibihugu bihana urubibe nk’Urwanda na Tanzaniya mu bijanye no gucandaga. Mu ntumbero yo kurwanya indwara yo gucibwamo ku bana bakiri bato, uwo muce w’abana bazoronswa incuro zibiri zokubakingira indwara yo gucibwamwo. Urucanco rwa mbere rukazotangwa ku kwezi n’igice, urucanco urugira kabiri narwo ku mezi abiri n’igice.
Ivyo rero akaba ari ukugira bakingire iyo ndwara y’ugucibwamwo abo bana kuko iyo ndwara isanzwe igira kabiri ku rutonde rw’indwara zihitana abana benshi bari munsi y’imyaka 5 mu Burundi. Iyo ndwara ikaba iza ubwa kabiri havuye indwara yo guhema nabi ‘’pneumonie’’. Mwomenya ko muri kino gihe, abana bari basanzwe baronswa incanco z’igituntu, agasama, tetanos, ibihara, mugiga,hepatite B.
KARIRE Floxella