Accueil > Inkino > Karate > Burundi : Abanonotsi ba mbere muri karaté bari mu murwi Nderagakura
Burundi : Abanonotsi ba mbere muri karaté bari mu murwi Nderagakura
mercredi 30 Ndamukiza 2014
Umurwi ukina urukino rwa Karaté Nderagakura uzohimba imyaka 22 ubayeho. Muri iyo myaka bamaze kurangura ibitari bike harimwo imidari itari mike. Kuri uwo munsi hazoba n’ibibazo ryo guca umusipi kuri bamwe mu rwaruka ruri muri uwo murwi.
Ku w’Imana w’igenekerezo rya 04 Rusama, umurwi ukina karaté Nderagakura uzohimbaza umwaka ugira uwa 22 ubayeho. Kuri uwo munsi, inyuma y’ubugenene, imikangara yo mu Ngagara (ahazobera ivyo birori) izoca ikora ikibazo co guca imisipi (ceinture). Abo mu zindi ntara bazobasanga iwabo mu buruhuko. Ivyo bivugwa na Nkurunziza Marcel Didier arongoye uwo murwi.
Mu mateka y’uwo murwi kuva ubayeho, Didier avuga ko bamwe mu mikangara ihora iserukira Uburundi mu nkino zo hanze y’igihugu haba harimwo abavuye muri Nderagakura. Yongeye amenyesha ko n’ubu hazogenda imikangara 2 mu mahiganwa ya Karaté Uburundi buzokwitaba mu gihugu ca Ethiopiya, hazoba ari kw’igenekerezo rya 12 Rusama. Eka no mu rwego rw’ishirahamwe ry’urukino rwa Karaté rugizwe n’abantu 8, 3 muri bo harimwo icegera c’uwurongoye ishirahamwe, umunyamabanga hamwe n’umunyabigega bose bava mu murwi Nderagakura.
Didier asanzwe yambara umukaba wirabura, urugero rwa kabiri (ceinture noire 2eme dan),abandanya avuga ko n’abakinyi ba mbere ba Karaté mu Burundi bava mu murwi arongoye, aranatanga akarorero ka Muhoza Anick, umukobwa wa mbere mu Burundi afise umukaba wirabura.
Mwomenya ko umurwi Nderagakura ufise urwaruka rugera ku 400 ruri mu mirwi 8 yo mu ntara 8 z’igihugu, kandi bafise ihangiro ko boshika mu mwaka w’2020 bafise imirwi mu ntara zose z’Uburundi.
- bamwe mu bagize umurwi Nderagakura
Cherif Nkeshimana
Messages
3 Rusama 2014, 14:44, par Fudochin
Turifurije isabukuru ryiza uyo Murwi ufiata amateka nkayo yose.tukabifuriza bandanya batera imbere nacane cane muri iryo hangiro ryabo ryo gukwiza urikino rwa karate Mugihugu cose.
3 Rusama 2014, 18:14, par Ntiruseseka Hervé
komera kumuheto turabakeje mubandanye mutera imbere nk’umuzinga,ivyo mutashitseko muriyo myaka 22 muze mubishikeko mumyaka irimbere.Uhoraho abaje imbere.
24 Ruhuhuma 2015, 17:07, par Jules Nzorijana
Turipfurije uburundi en general,club nderagakura les Fudochins en particulier , gutera imbere murukino rwa karate bashike kuntambwe yo kwitaba ninkino zo hanze ya afurika kuko barashoboye.
Inkoto Fudochin!!!!!
1er Ndamukiza 2016, 19:29, par Manirakiza Desire Wi Karusi
Nukuri Ndabkeje Cne Nimukomere Nkumuheto%ivyo Mutashoboye Gushkako Mumwaka Uheze Ubu Mugiye Kuzobishako Incuro Ijana Kwijana% Naje Mubisanzwe Ndumukunzi Wa Karate,ariko Ndipfuza Ukuntu Notera Imbere Nkakubura!Rero Sinzi Ko Harico Mwomfasha?
1er Ndamukiza 2016, 19:31, par Manirakiza Desire Wi Karusi
Nukuri Ndabkeje Cne Nimukomere Nkumuheto%ivyo Mutashoboye Gushkako Mumwaka Uheze Ubu Mugiye Kuzobirushako Incuro Ijana Kwijana% Naje Mubisanzwe Ndumukunzi Wa Karate,ariko Ndipfuza Ukuntu Notera Imbere Nkakubura!Rero Sinzi Ko Harico Mwomfasha?
4 Ruheshi 2016, 21:58, par ELIE
Nobwabwirako bakwiye kuzokwiga bakazigisha abandi,nacanecane abaruguru.ndangije ndatera courà ge.
30 Mukakaro 2016, 21:18, par Ali Manirafasha
Nanje Nashaka Kwiga Kuko Karate
Ndayikundacane
Kandi Nabakinyibakarate
Ndabakunda Cane
Ariko Ndi Igihetehete(ikigonde)
Niberamukirundo.
4 Munyonyo 2016, 19:41, par KWIZERA PHOCAS
NANJE NDIPFUZA KUZA MUWO MURWI BANYIGISH NABISHATS KERA MBURA UBURYO MBURA NUMUCO WAVYO KUNTU NOZA MUMFASHIJ IKI NN?
8 Nzero 2017, 16:40, par NIZIGIYIMANA ADELIN
Turayikunda twabuze aba maitre bakwiye kuk ahari umw usanz asivy bitaba neza.turungikir aba maitre kuma centre jeune yose yigihugu twikinir umukin uryoshe.vive karate
13 Rusama 2017, 19:59, par Butoyi François
Non Ko Hari Aho Usanga Hamwe Hamwe Bakina Uwo Mukino Ntibasohoke?
20 Nzero 2018, 20:03, par Mpawenimana Innocent
Umukino Ndawukunda Cane Gose Nkabura Ahondawukinira Murimaka Fise Akababaro Kashi
10 Ntwarante 2018, 02:09, par Dodie Iradukunda
nibatere imbere bame baserukra uburundi misiyos bazana imidari n’ ibikombe