Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burundi : Abanonotsi ba mbere muri karaté bari mu murwi Nderagakura - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Karate > Burundi : Abanonotsi ba mbere muri karaté bari mu murwi Nderagakura

Burundi : Abanonotsi ba mbere muri karaté bari mu murwi Nderagakura

mercredi 30 Ndamukiza 2014

Umurwi ukina urukino rwa Karaté Nderagakura uzohimba imyaka 22 ubayeho. Muri iyo myaka bamaze kurangura ibitari bike harimwo imidari itari mike. Kuri uwo munsi hazoba n’ibibazo ryo guca umusipi kuri bamwe mu rwaruka ruri muri uwo murwi.

Didier arongoye umurwi Nderagakura

Ku w’Imana w’igenekerezo rya 04 Rusama, umurwi ukina karaté Nderagakura uzohimbaza umwaka ugira uwa 22 ubayeho. Kuri uwo munsi, inyuma y’ubugenene, imikangara yo mu Ngagara (ahazobera ivyo birori) izoca ikora ikibazo co guca imisipi (ceinture). Abo mu zindi ntara bazobasanga iwabo mu buruhuko. Ivyo bivugwa na Nkurunziza Marcel Didier arongoye uwo murwi.

Mu mateka y’uwo murwi kuva ubayeho, Didier avuga ko bamwe mu mikangara ihora iserukira Uburundi mu nkino zo hanze y’igihugu haba harimwo abavuye muri Nderagakura. Yongeye amenyesha ko n’ubu hazogenda imikangara 2 mu mahiganwa ya Karaté Uburundi buzokwitaba mu gihugu ca Ethiopiya, hazoba ari kw’igenekerezo rya 12 Rusama. Eka no mu rwego rw’ishirahamwe ry’urukino rwa Karaté rugizwe n’abantu 8, 3 muri bo harimwo icegera c’uwurongoye ishirahamwe, umunyamabanga hamwe n’umunyabigega bose bava mu murwi Nderagakura.

Didier asanzwe yambara umukaba wirabura, urugero rwa kabiri (ceinture noire 2eme dan),abandanya avuga ko n’abakinyi ba mbere ba Karaté mu Burundi bava mu murwi arongoye, aranatanga akarorero ka Muhoza Anick, umukobwa wa mbere mu Burundi afise umukaba wirabura.

Mwomenya ko umurwi Nderagakura ufise urwaruka rugera ku 400 ruri mu mirwi 8 yo mu ntara 8 z’igihugu, kandi bafise ihangiro ko boshika mu mwaka w’2020 bafise imirwi mu ntara zose z’Uburundi.

JPEG - 79.8 ko
bamwe mu bagize umurwi Nderagakura

Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.