Accueil > Amagara y’abantu > Abantu 88 nibo bamaze kuribwa n’intozo zisara
Abantu 88 nibo bamaze kuribwa n’intozo zisara
lundi 29 Mukakaro 2013
Mu ntara zimwe zimwe z’igihugu havurwa imbwa zisara zimaze kurya abantu bashika kuri 88 mu ntara za Kayanza na Bururi, nk’uko bivurwa na bamwe mu banyagihugu bo muri izo ntara.
Ni muri iyo ntumbero mu buyobozi bw’uburimyi n’ubworozi mu ntara ya Kayanza bafashe ingingo yo kuzocandaga izo ntozo kuva mu kwezi kwa Myandagaro, mu ntumbero yo kuzikingira indwara z’ibisazi co kimwe n’ugukingira abanyagihugu guhura n’amasanganya aturutse kuri izo ntozo. Ubuyobozi bw’’iyo natara ya Kayanza, busaba abatunze izo ntozo ko bozigumiza mu mazu, abarongoye intwaro nabo bagahamagarirwa gukora ibishobotse vyose mukwica imbwa yose ifise iyo ndwara co kimwe n’iziyerereza zose zitigeze zironswa incanco, canke banyenezo batazwi. Muri iyo ntara abagera kuri 30 nibo bariwe n’imbwa zisara.

No mu ntara ya Bururi ni nk’uko nyene kuko abantu bashika 58 bariwe n’imbwa kuva mu kwezi kwa Ruheshi . Muri iyo ntara, ikomine yasinzikajwe cane n’izo mbwa zisara ni Bururi aho abantu bashika kuri 25 bariwe n’izo ntozo. Abamaze kuribwa n’imbwa muri iyo ntara ya Bururi, baja kwivuriza mu bitaro vyo mu Rumonge na Matana kuko ariho honyene hari incanco. Muri iki gihe ubuyobozi bw’amagara y’abantu i Bururi bukaba butegekanya gushira izo ncanco mu mavuriro yo mu ntara yose, mu gufasha gucinyiriza ingendo ababa bahuye n’ayo masanganya.
Haba mu ntara ya Kayanza canke Bururi, abanyagihugu basaba Leta n’abajejwe intwaro muri izo ntara ko ikibazo c’izo mbwa z’isara cotorerwa umuti, abazitunze nabo batazijana kuzicandagisha bagaheza bagahanwa bimwe vy’akarorero.

Aristide Nizigire