IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Isuku > Abadashaka gutuza ikiza ca kolera mu gihugu bakwiye kwikebuka

Abadashaka gutuza ikiza ca kolera mu gihugu bakwiye kwikebuka

mercredi 21 Myandagaro 2013

Inyuma yaho ikinyamakuru IGIHE cifurije kumenya abaza guta iyarara ritandukanye rigizwe n’ibisigarira vy’ibiharaharage, ibitoke, amababi y’imyumbati, ndetse ugasanga hari n’abazana amazirantoke, bagata inyuma gato y’ahahoze hari isoko nkuru ya Bujumbura hafi gato y’amabanki BNDE na Ecobank, muri uyu mwanya umuduga wo muri mairie wariko urayora iyo myanda itandukanye, ija kuyita aho yagenewe.

Abadandariza ngaho iruhande y’iryo yarara bakaba bashima cane kubona mairie yaribakuye iruhande, na rirya bavuga ko umunuko wari ubageramiye, ndetse bakavuga ko n’indwara ziva ku guhema nabi n’iziva kw’isuku bari baziteze ko zishobora kubafata. Igisigaye, ni ukwo igipolisi cocungera cane abo bantu bazana iyarara aho iruhande y’izo banki, mu gisagara hagati, bagafatwa ndetse bagahanwa bimwe bishimishije kuko abo nyene aribo bashaka gutsimbataza ikiza ca kolera mu gihugu, abo nabo bakaba badakwiye kwihanganirwa namba, nk’uko bivurwa n’abo badandariza aho inyuma y’ahahora isoko nkuru ya Bujumbura.

Ku va muri aka gatondo rero imiduga yo muri mairie yariko iraseha iryo yarara ija kurita aho ryagenewe. Ariko rero ivyagirizwa ko uburiro bumwe bumwe buri mu micungararo y’aho, bararahira bakarengwa ko atanumwe aja guta iryo yarara aho hantu, ahubwo ko ritabwaho n’imihana co kimwe n’abadandaza ibiharage, amababi y’imyumbati, n’ibindi.

Umupfasoni Ndikuriyo Juliette umwe mu bafise uburiro mu gisagara ca Bujumbura ndetse atungwa n’agatoke kuba bari muri bamwe mu bata iryo yarara hagati mu gisagara, ararahira akarengwa ndetse akaba avuga ko na mairie izi neza ko ataryo ata aho hantu kuko bafise ivyemeza ko bafise ishirahamwe rikura iyarara mu buriro bwabo. Avuga ko, ahubwo ibijanye n’ukurwanya burundu indwara ziva kw’isuku rike bitokorwa na Leta yonyene, abanyagihugu bofata iyambere mu kurwanira amagara yabo. Juliette Ndikuriyo akavuga ko ikiza ca kolera kidashobora guhera mu gihe abantu batarijukira kurwanya umwanda, n’ukuwuta aho hose.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.