IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Isuku > Kinama : Iyarara ringana umusozi iruhande y’isoko

Kinama : Iyarara ringana umusozi iruhande y’isoko

jeudi 29 Nzero 2015

Amezi ane niyo arangiye isoko yo mu kinama idakurwa iyararara risigaye ringana n’umusozi.

Iryo yarara risanzwe rifise akamoto kabi, abahadandariza bakavuga ko bafise amakenga ku magara yabo, kuko indwara ziva kw’isuku rike no guhema nabi, zishobora kuzobafata. Umukuru w’iyo soko Christophe Ndorere, avuga ko igituma uwo musozi ungana uko w’iryo yarara, ari uko isoko itagira ikibanza kinini yoza irashiramwo imyanda iva mw’isoko, mu kurindira ko iza gutwarwa. Ahasanzwe rero hashirwa iryo yarara hakaba hari mu matati kugeza ubu, mu gihe Christophe Ndorere avuga ko uwahoze ari umukru w’igisagara ca Bujumbura Evrard Giswaswa yari yahahaye uwundi muntu.

Umukuru w’iyo soko avuga ko ishirahamwe SETEMU ariryo ryayora iyo myanda, none amezi ane akaba yigoroye, batahahonyoza ikirenge. Kubera iryo yarara ryinshi, yaba abandandariza muri iyo soko, canke abayirongoye bakavuga ko n’umunsi iyo soko yoterwa n’umuriro, bitokunda ko bayizimya, kubera iryo yarara. Basaba ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura, gukora ibishoboka vyose kugira iyo soko igarukirwe, iryo yarara ritwarwe amazi atararenga inkombe.


Aristide Nizigire

Messages

  • Uwo mutware ngo ni musitanteri ahatwara biragaragara ko ari umwanda niba atabigira nkana.none abo bahaduvjrira nta taxes batanga canke bikenew bsgatanga amahera yisuku,none uvukire mumwanda,ukurire mu mwanda,utware mu mwanda uzoguma wishira mwo ngo below hamye turi muri 2015.

  • Taxe barayitanga nyene ndakurahiye abo bagabo baje bazikenyeye mukwiba.....Ntanakimwe amariye notre quartier yatureze....We aguma aduza amazu yiwe iyo Ntera hamwe yumugore .ngira niwiwe numunyamwanda kuko ni terrible biteye akobaaaaaaaaaaaaaa

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.