IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Abashingamateka baneguye insiguro z’umushikiranganji w’amagara (...)

Abashingamateka baneguye insiguro z’umushikiranganji w’amagara y’abantu

vendredi 29 Myandagaro 2014

Ivyari bimaze iminsi bivugwa ko ubusaho bubika amaraso bwakenye, ivyo bigatuma hari n’abarwayi bitaba Imana kubera iryo bura ry’amaraso, inama nshingamateka ikaba yatumyeko abashikiranganji babiri, uw’ikigega ca Reta n’uwamagara y’abantu.

Imbere y’abashingamateka, abo bashikiranganji babiri, basa n’abata amakosa ku kigo gitororokanya amaraso CNTS. Umushikiranganji w’amagara y’abantu n’ukurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA akaba yabariye abashingamateka ko ico kigo kitavuze hakiri kare ko hari ikibazo c’ikena ry’ubumwanya bubika amaraso, ndetse ata muntu n’umwe yitavye Imana kubera iryo kena ry’amaraso. Nayo umushikiranganji w’ikigega ca Reta, akavuga ko ico kigo gitororokanya amaraso kuva mu mwaka w’2010, gikoresha nabi amafaranga gihabwa, ku buryo amafaranga atigera akoreshwa yose ngo ahere. Abashingamateka rero bakaba batangajwe n’insiguro zatanwe n’abo bashikiranganji, zigasa n’izivuguruzanya.

Abashingamateka uretse ko basavye umushikiranganji w’amagara y’abantu n’ukurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA gutanga imihoho kuko yakinye ku buzima bw’abanyagihugu, yabwiwe ko n’insiguro yabahaye zidafashe.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ese iyonama nshingamateka yokwama uko nyene ikama ikora uko umushikirangaji binaniye bakamubogoza.

  • SINABABWIYE KO MUZOHINYUKA
    RABE RERO

  • Abashingamateka mukomere cane,kubwivyo mwabwiye uwomushikira nganji.ahubwo nimba mufise uburenganzira bwo kumwirukana,ntasubire kukazi.kuko kamunaniye.

  • Nivyukuri ko hano iwacu ubushikiranganji bw’amagara y’abantu butitayeho amagara yacu:akarorero;igihugu ca Tanzania iyo umuntu agiriye isanganya kw’ibarabara ibitaro bimuvura atakibanje gusabwa. Akandi karorero n’ako muri Afrika y’epfo hoho hariho abaganga bajejwe gutabara abahuye n’amasanganya,eka n’ibindi bihugu ntiriwe ndavuga.................................... None kobinaniye abarundi gufasha bene wabo,twokwitega gufashwa na bande? N’atange imihoho hashirweho uwokorera abenegihugu bose atari uwo kunezereza abobakorana bonyene.

  • Iyaba ibo bashinga mateka bakora uko kubibazo vyarivyo vyose tuba tubakunda kandi tubizigiye.mugabo ikibabaje niko hari ibibazo babishitsekobaca bihoza.

  • Leta ivuguruzanya n’ibara k’umutemere
    Ahandi nkaho baca Bademissiona . banyina barimenyereye nka Tabou wewe nukubesha gusa!!!! Il adhere fermement àla conclusion de l’humouristesaidou abatcha dans " le conteur"....

  • Bashingamateka bacu ivyomuvuga birumvikana, ariko mwongeremwibuke ko umuntu ashoboragufa serumu yokunwongera amaraso imurimwo, ikindi ngahaburundi abantubeshi bafuye mubitabo hakunzekwandikwako bicwa namalaria, kandinuvyukuri habahariho ibindi vyatumye bapfa harimwo vyabirwara vyakirundi abaganga bapima ntibiboneke.

  • Birabaje Kubona Umushikiranganji Wamagara Yabantu Afata Minenerwe Ikibazo Camagara Yabantu. None?????

  • Bariyambitse agashambara!komere nico twabatoreye!none ntiyoja i muyinga!

  • Burya si uwo mushikiranganji yotanze imihoho,ahubwo n’Inama nshingamateka na yo yari ikwiye gutanga imihoho,kuko iki gihugu kiguma gisubira inyuma nk’ibirenge.

  • Igihugu kimwe kw’isi nzima kuva isi yakabaho kimaze imyaka irenga 8 kitagira Leta ni UBURUNDI conyene. Amakosa saya Tabou Abdallah kandi saya Sabina naya Peter abagena akongera akabarongora imisi yose. ntamurongozi tukira. Hama ngo mandate yagatatu?Ubuho twoboniki ga yemwe ko ataco dusigaje?

  • BARUNDI twari dukwiye guhumuka tukabona ibiba mugihugu cacu!!!!

  • nakamuna muga nibikosore abo bashikiranganji barek gufata minenerwe amagara yabo bashinzwe.umuti sukuba bogoza mais nukubakosora

  • Mama wew urahengamye ivyo vy,uburozi ubikuye he?nimba urumupfumu urondera abo uhenda ngobarozwe nabanyi nako wewe wobabwira abo muri ADC karakunaniye.mugihe cose bagishiraho umuntu kubera agiye gukora ivyo umugambwe ushaka atarivyo wenyene abona ko bibereye biteza imbere igihugu biracagoye

  • @Gerard, ndumva nkwiye guzofata umwanya ukwiye nkagusigurira ibijanye namarozi ahovyazananye, arikoreka ndakubwire bike; ingwara zamarozi ntizivurwa nabaganga ariko sivurwa namasengesho, uvuzeko amarozi atabaho woheza ukatubwirayuko na Satani atabaho kandi niwavugako atangwara zivurwa namasengesho nucutubwirako ni Mana itabaho, abagangarero mwenizongwara namarozi ntibazivura barakomeza bakavura amaherezo umurwayi akaruhira mwitaba Imana, ahorero nihahandi bacabandika mubitabongo yahitanywe na malaria ahandinaho bakavuga ngo yabuze amaraso etc. Bavukanyi gusenga navyo mubishire muvyambere mwizingwara zahonomw’Isi

  • amakosa yuwo mushikiranganji kumenga mugomba kuyegeka kumukuru wigihugu???ewemuntu wiyita twikebuke oya warukwiye kwikebuka kabisaaa!!!! None ko uvuga ko uburundi butagira reta none ntiwoja aho wabonye hari reta?? hama uwo bumwe nawe akigira muriyo Africa yepfo canke muri Tanzania ??honinahafi ntatike nini vyomusaba

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.