IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Abashingamateka bararajwe ishinga n’abarundi bipfuza kuja gufasha kuvura (...)

Abashingamateka bararajwe ishinga n’abarundi bipfuza kuja gufasha kuvura ebola

jeudi 23 Gitugutu 2014

Ibikorwa vyo gukinga umugera wa ebola mu Burundi biriko birakorwa yaba ku mbibe Uburundi buhana n’ibindi bihugu canke ku kibuga c’indege ca Bujumbura, nk’uko bivugwa n’umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya ikiza sida.

Sabina Ntakirutimana aho yari mu Kigobe ariko arishura ku bibazo vy’abashingamateka, yamenyesheje ko ikibazo ca ebola kiraje ishinga isi yose n’Uburundi burimwo. Ariko akavuga ko amafaranga arenga umuriyaridi w’amafaranga y’amarundi ariyo akenewe mu gukinga ico kiza muri iki gihugu. Abashingamateka bakaba bafise amakenga ku baganga b’abarundi bazoja gufasha kuvura abo bazoba banduye ico kiza mu bihugu kirimwo, na rirya uwuzokwandurira iyo yaroye kuvura azoca agarukanwa kuvurirwa mu Burundi. Abaganga bakaba bariko bariyandikisha, ariko nk’uko umushikiranganji abivuga, inyishu ku bazogenda ikaba izomenyekana hanyuma

Abashingamateka babona ko ahubwo abarundi boba bariko baja kwigerezako, na rirya ico kiza kibangamiye isi. Umushikiranganji w’amagara y’abantu Sabina Ntakarutimana aka asigura ko bagiye kuvyiga muri Reta.


Aristide Nizigire

Messages

  • barabuzi ivyo bagiye kwigira bagiye kwigira ukungene bazana Ebola mu Burundi abo baganga barikwiyandikisha biyandikishe neza batatuzanira Ebola bazoce babavurira hiyo nyene mu menyeko umaze kuwandura ko ata muti wayo uriho atari gupfa bazoba bagiye gukiza Ebola cank? ntimutegereze ntiyamara kugera mu Burundi niho muzomenya ukungene muzoyikingira abanyagihugu. bibwigwa benshi bikunva benevyo.

  • Haaaa,sinzi umushikiranganji wagara yabantu yemeye kubarungika ngonibawandura uwomugera bacebawutahukana ni burundi ngo ba! mbe yotwereka uburyo afise bwoguhangana nicokiza nibamara kugishikana iburundi! ndetse nukirindira kwibara ririnda kurwa ubuyategekanije lieu d’isolement mugihe hogira uwufatwa. it is better to think before to do.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.