Akamaro ko gutwenga

Yanditswe na Marielle Bukuru
Kuya 1er Ndamukiza 2013 saa 08:51
Yasomwe : 39465
0 0

Abashakashatsi benshi barakoze ivyigwa ku kugene gutwenga bishobora kugira ingaruka mu mubiri w’umuntu. Niho baca begera ababinonosoye mu kugerageza gutanga inyishu y’akamaro ko gutwenga.
Ku bijanye n’uko intwengo ifise ingaruka mu buzima bw’umuntu, abo bashakashatsi bigiye ku migwi ibiri itandukanye.Umugwi wa mbere wari ujanye n’igituma umuntu atwenga bakoresheje ireresi itwenza canke inkuru zitwenza ; umugwi wa kabiri nawo wari ujanye n’igituma umuntu adatwenga bakoresheje ireresi imeze (...)

Abashakashatsi benshi barakoze ivyigwa ku kugene gutwenga bishobora kugira ingaruka mu mubiri w’umuntu. Niho baca begera ababinonosoye mu kugerageza gutanga inyishu y’akamaro ko gutwenga.

JPEG - 12.7 ko

Ku bijanye n’uko intwengo ifise ingaruka mu buzima bw’umuntu, abo bashakashatsi bigiye ku migwi ibiri itandukanye.Umugwi wa mbere wari ujanye n’igituma umuntu atwenga bakoresheje ireresi itwenza canke inkuru zitwenza ; umugwi wa kabiri nawo wari ujanye n’igituma umuntu adatwenga bakoresheje ireresi imeze nk’ikiganiro ivyo bita “documentaire”mu gifaransa. Niho baca babona itandukaniro riri hagati y’iyo migwi, bica bibereka n’akamaro ko gutwenga.

Gutwenga rero,bifise ivyiza vyinshi:

1.Gutwenga bituma umuntu anonoka imitsi

Nk’uko muganga Henri Rubinstein abivuga, gutwenga bituma ibihimba vy’umubiri vyose binonoka kandi bikagira ingaruka imwe nk’iyo umuntu yinononye imitsi akoresheje ikarashishi.

2.Gutwenga ni ubuhinga muguhema

Gutwenga bifise ingaruka nyinshi mu guhema. Iyo umuntu atwenze, asohora impwemu mbi zose zari mu gikiriza maze bigaca bituma yongererza amahirwe menshi yo kwinjiza impwemu nziza ,ivyo navyo bikaba ari ivya nkenerwa cane mu mubiri w’umuntu. Gutwenga bituma ivyo yafunguye bihoka n’ingoga neza, biroza kandi amahaha n’ igitangaje kuri ico, gutwenga birashobora gutuma n’ingwara ya hasima igenda. Kubwa muganga Tall Schaller, iyo umuntu yagize ingorane zo guhema, gutwenga birashobora kuzana akarusho.

3.Gutwenga ni umuti ukomeye

Nk’akarorero,iyo umwana aguye hasi akababara, ikintu umuntu akora kimuhoza, ni ukumutwengera kugira ahore. Iyo umuntu yahuye n’ibimubabaza, vyiza n’ukuraba icomutwenza canke iyo yahuye n’ingorane z’imitsi yafatanye aho yababaye, intwengo irashobora kumutuma ububabare buhera.

4.Gutwenga bifise ingaruka nziza k’umutima

Kubwa muganga Michael Miller wo kuri kaminuza y’I Maryland , iyo umuntu atwenze biratuma umutima wiwe utera neza n’imirindi y’amaraso igatera neza. Ni ikirwanisho kandi gikomeye mu gukingira ingwara z’umutima , kikaba kinakoreshwa cane mu banyamerika aho benshi bakunda kugira ingwara z’umutima bivanye n’ukugira imyitwarariko myinshi.

5.Gutwenga bituma umuntu aramba

Intwengo ituma igabanya ivyo vyose vyotuma umuntu asaza n’ingoga nk’akarorero,kwitwararika cane ivy’ubuzima ivyo bita “stress”, kwama ubabaye,guhagarikwa umutima n’ico arico cose.

JPEG - 49.8 ko

Iyo umuntu atwenze,bigaragaza ko ata ngorane aba afise, abona ko ejo ari heza, bikarushirizaho kumuha ivyizigiro vyo kwama anezerewe igihe cose.Nk’uko vyagaragajwe n’ubushakashatsi bwinshi, gutwenga bitanga amagara meza,bikanatuma umuntu aramba cane ari naco gituma bahanura abantu kwama batwenga na cane cane mu gihe bumvise umubiri utanguye kugabanya inguvu.


Kumenyekanisha

1
irarishikije elia 29-04-2017 à 19:04

Nivyiza gutweng ark umanze urabe ahubutwengey aharih kuk sibos baryohegwa niyumunt atwenz

2
Fabien 12-02-2017 à 05:17

Yumvirak Mwoduh Iyind

3
Ntirandekura Diomède 7-01-2017 à 15:24

Gutwenga Numvise Kobi Fise Akamaro.Mugabo Jewe Vyarananiye Kuguma Ntwenga Kuva Mubuto Bwanje Ndyohegwa Nabike.Nne Mumpanuye Iki?

4
Ntirandekura Diomède 7-01-2017 à 15:23

Gutwenga Numvise Kobi Fise Akamaro.Mugabo Jewe Vyarananiye Kuguma Ntwenga Kuva Mubuto Bwanje Ndyohegwa Nabike.Nne Mumpanuye Iki?

5
mupenzi anator 27-10-2016 à 22:49

inkuru ZITWENGEJE

6
NIYONKURU J,MARI 22-09-2016 à 18:07

GUTWENGA NIVY CANE NAJ NDABHIKUNDA

7
murengerantwari alexis 15-09-2016 à 15:29

nkeneye inkuru zitwenza

8
Gabriel Niyindaba 6-09-2016 à 17:11

Gutwenga Bivana Nubuzmubaymwo Nonese Watwengubabay Ivyo Ntabwo Wabikra Nn Waskubbay?

9
Nsanzumukiza Xavier Batazira Israël 30-05-2016 à 13:58

Ndashimye Kuba Nunvise Ko Gutwenga Bifise Akamaro Narindemerewe Nukuntu Akana Kanje Kari Karwaye Ariko Nciye Mpiga Ikintu Gituma Ntwenga . Gutwe Rero Niho Nkimenya Ko Bifise Akamaro Murakoze Cane Gose.

10
Dusabe Méchack 19-05-2016 à 10:39

Nfisuwonkunze Adatwenga Nonenokoriki Kugirazaratwenga?

11
Nsanzumukiza 11-05-2016 à 14:45

NAJE NDASHIMYE KWIYO MPANURO YO GUTWEGA KUKO ND’UMUNTU AKUNDA GUSHAVURA, ARIKO IYO HABONETSE ZINA KINTU CANKE INKURU ITWENZA RYA SHAVU RICA RIHERA RIKAZA KUZA MUNYUMA

12
Nirera Charles 21-03-2016 à 20:51

Gutwenga Nivyiza Cane Bituma Utababara Wama Unezerewe

13
MURINDANGABO Charles 12-03-2016 à 19:21

Mugize neza jewe ndumwe nakuze mfise ibibazo ,ariko kuko nakunda gutwenga ntakubwiye ko hari ibibazo ntiwabimenya. Ariko ndabaza UMUNEZERO NO GUTWENGA BIRATANDUKANYE?

14
Daniel Nkunzimana 3-02-2016 à 20:11

Murakoz Kutugnirirakubijanyenogtwenga. Ariko Jewe Ngombaze Non Gutwenga Umwanyamurmure Ntangarkambibifise?

15
Chadrack NIRERA 19-09-2015 à 20:01

Nonevyoshobokagutekugir’utwenge Atawugutwengeje.

16
MUNEZERO David. 18-08-2015 à 01:55

Nukuri gutwenga ndumvise kari vyiza cane,icongiye gukora nzohimiriza abantu kwama batwenga.

17
Ngabire Aimé- Lionel 19-06-2015 à 06:58

Jewe Sinahora Nkunda Gutwenga Ariko Mu Vyiza Nsanzemwo Ngiye Kwiga Kuza Ntwenga Buri Gihe

18
ALEXIS 25-05-2015 à 20:21

BIRATWENZA SANA

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha